Amakuru avugwa cane kuri uyu wa 08/06/2020

Haravugwa yuko Umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi kumwe n’abamugendanira yoba agwariye wa mugera covid-19 mu bitaro vyo mu ntara ya karuzi. Umutambukanyi wiwe bamutwaye kuvurirwa mu gihugu ca Kenya mugabo ubu akaba yaratoye mitende.
Kuri uyu wa08/8/2020 isaha zine z’igitondo imodoka yagize impanuka ku musozi BUHORO S/c NYARURE aho bita MANYAMA. Iyo TOYOTA RACTIS JA 9547 yataye ibarabara bane baca barakomereka bikomeye.
-TWAGIRAYEZU Venuste
-NDABUNGANIYE J. Bosco
-NDAYISHIMIYE Jérémie
-IGIRUBUNTU Jobin.
Ariko
SIBOMANA Rita wewe yaciye ahasiga ubuzima.
Abo bose bari bagiye guhagarikira ca kibazo CONCOURS NATIONAL kizokorwa ejo kuwa 09/06/2020; baciye bajanwa m’ivuriro ryi MABAYI.