Uburundi buri muri Bibiliya Yera: Ubuhanuzi bgo kuva kera kuri Yesaya 19:18-25

Ubuhanuzi bg’Uburundi muri Bibiliya Yera
Ugusesangura ivyandizwe muri Bibiliya bisasiriwe n’uguhishurigwa, birerekana neza yuko vyahanuwe kera ko Ihanga Ryera ry’Imana ryo mu minsi y’Iherezo rizova muri Afrika mu gihugu kiri hagati. Ukurikije n’ubuhanuzi twagiye turaronka yuko imbibe z’igihugu c’Uburundi zizaguka ki kaba kinini, ukaraba n’ingene ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ry’ubatswe, wotahuzwa vyinshi gusumvya. Ico umuntu uwariwe wese yomenya kandi yokwama azirikina iyo ariko arasoma canke yiga ubuhanuzi kugira ngo atahure ibanga rinyegejwe muri Bibiliya n’imvugo ngereranyo ituruka ku kuvuga ibitarabaho ukoresheje amajambo ufise yo muri ico gihe cawe. Umuhanuzi Yesaya umuhungu wa Amosi, yaba i Yerusalemu afise abana 2 b’abahungu Shear-Jashub na Mahe-Shalal-Hash-Baz yanditse igitabo kiri muri Bibiliya Yera cuzuyemwo imvugo ndyoheramatwi n’ubuhanuzi bwinshi. Bumwe muri ubgo buhanuzi bgari ubgo mugihe ca hagufi mugabo ubundi bgari ubgo mu gihe ca kazoza ka kure. Ni ukuvuga muri ibi bihe turimwo. Tora bibiliya yawe urabe ivyanditse muri YESAYA 19:18-25. Mu mwaka wa 700 imbere yuko Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo avuka, yavugishijwe ati: -(18) Kuri uwo musi mu gihugu ca Egiputa hazobamwo ibisagara bitanu bivuga urunyakanani, birahira Uhoraho Nyen’ingabo; kimwe mur’ivyo kizokwitwa kiri-haheresi. [Ahanditse Egyputa ni ukumenya yuko yaba avuze Afrika, ahanditse igisagara yaba avuze igihugu ca Afrika.] -(19) Kur’uwo musi hazoba igicaniro c’ubakiwe Uhoraho mu gihugu ca Egiputa hagati, kandi inkingi izoshingigwa Uhoraho ku rubibe rwaco. [Yanditse hagati muri Egyputa (Afrika)yaba avuze Uburundi yuko hazoba igicaniro c’Uhoraho n’inkingi izoshingwa.]-(20) Bizoba ikimenyetso n’igishingantahe c’Uhoraho mu gihugu ca Egiputa: kuko bazotakambira Uhoraho kubwo ababahahaza, nawe azobarungikira umukiza n’umuvunyi nawe azobakiza. [Amazegutomora yuko ari igihugu co hagati, wa mtima wa Afrikawa, avuze Egiputa mwunve UBURUNDI]-(21) Kandi Uhoraho azokwimenyesha muri Egiputa, n’abanyegiputa bazomenya Uhoraho kuri uyo munsi: mbere bazosenga batanga ibimazi bashikana amashikanwa, bazosezeranira Uhoraho isezerano barishitse. [Ikanguro]-(22) Kandi Uhoraho azokubita Egiputa, ahakubite yongere ahakize: bazogaruka k’Uhoraho nawe azobakundira ku mwinginga kand’azobakiza. [Iyi ni imburi y’inkota y’Imana abantu bose bamaze iminsi bumva]-(23) Kur’uwo munsi hazoba inzira y’iroro iva muri Egiputa ija ashuri, kandi aba ashuri bazogendera Egiputa, n’Abanyegiputa bagendere Ashuri, kandi abanyegiputa n’Abashuri bazosengera hamwe. [Gutwara umuvyuro n’ikanguro mu ba Ashuri ni abo muri aziya bagizwe n’abarabu, abashinwan’ayandi mahanga] (24) Kur’uwo munsi i Bgisirayeli hazoba aha gatatu kuri Egiputa na Ashuri, ar’umugisha hagati mw’isi: [asigura yuko Abarundi ari abambere mw’isezerano, ayandi mahanga abakabiri na Isirayeli bakaba abagatatu.](25) kuk’Uhoraho Nyen’ingabo ahaye umugisha, ati hahigwe abanyegiputa abantu banje, n’Abashuri igikogwa c’amaboko yanje, n’Abisirayeli ishamvu yanje.” [Abarundi tubaye Ihanga ry’Imana duhawe n’imigisha, ayandi mahanga acitse igikorwa c’amaboko y’Imana kubera ubutumwa bg’ikanguro; hanyuma Abisirayeli nabo bagumye ari ishamvu canke inyegu y’Imana] [Yesaya 19:18-25]Ufashe ubu buhanuzi ukabutwara imbere y’Imana ugaruka udafise ugukekeranya canke amakenga kuko Mpwemu w’Imana aca abuguhishurira neza nk’uku tubibahaye. Nkuko biri ku murongo wa 25, Uhoraho Imana yaduhaye umugisha atwita abantu biwe. Uhorho yise Ihanga ry’Ashuri tuzovyaza ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo mw’ikanguro (mwomenya yuko ba-Ashuri bafise urukoba rutirabura kandi bafise n’imishatsi miremire y’irende) igikogwa c’amaboko yiwe, n’Ihanga rya Isirayeli yirobanuriye kuva kera rigumye ryitwa inyegu canke ishamvu yiwe. Nkuko mwavyisomeye, muri Afrika yo hagati, mu gihugu c’Uburundi niho hazoba igicaniro c’ubakiwe Uhoraho. Ihanga Ryera tuza ubwambere, ni ubgoko bg’Imana kandi ni abantu b’Imana. Imana yadutoranije nkuko yatoranije ubwoko bga isirayeli. Nkuko muri Bibiliya bavuga isezerano rya KERA n’isezerano rya RISHASHA, twovuga yuko hari ISIRAYELI ya KERA na ISIRAYELI NSHASHA ariryo hanga ry’Abarundi. Abarundi turi IHANGA RYERA kubgo gutoranywa n’UWERA, Turi UMUGENI canke ISHENGERO rya YESU KRISTO kubgo umugambi w’Imana wo mu gihe c’iherezo.