
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO ARANGIZA UKWEZI AGATANGUZA UKUNDI.Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse kandi akaba ariko twama tubigenza, amezi yose twama dusfise amasengesho arangiza ukwezi agatanguza ukundi. Mw’Ihanga Ryera ry’Imana aho riri hose kw’isi dutumirira aba-Kristo bose kuyitabirira. Abafise ibicaniro vy’amashengesho, baraja gusengerayo, abafise ivyumba vy’amashengero bakaja ku mashengero iwabo gusengerayo; abari ukwabonyene nabo basabga gukora ibicaniro vy’amasengesho umwe wese mu rugo rwiwe, aho abaye. Ushoboye kuranka icumba uja kwihereraniramwo n’Imana ni ivyo akamaro kanini. ushoboye kuronka ahantu mu mfuruka y’inzu, mu rugo, ku musozi w’amasengesho ni vyiza ni ukwama wibika ukaja kwihererana n’imana ugasenga uyinginga.Mw’Ihanga Ryera ry’Imana ari naryo shengero rya Yesu Kristo harimwo abahawe gusenga iminsi itatu canke ibiri yanyuma irangiza ukwezi. Ivyo navyo ni vyiza. Uwoshobora kuguma ku gicaniro canke agakora ayo masengesho iyo minsi yose gushika ku munsi wambere utangurira ukwezi, ni vyiza cane. Umuntu abikoze uko urongowe na Mpwemu w’Imana biraryoshe cane mugabo igikuru n’uko abantu bose, iyo bari hose mu gihugu no mu mahanga, twese duhurira muri iyo minsi y’amasengesho. Ufise ibikorwa urabibandanya mugabo ukaguma mu mpwemu yo gusenga, kandi avuye mu bikorwa agashikira gusenga vy’umwihariko. Abakozi n’abanyengabire batandukanye bahawe gusenga bisonzesheje. Nawe ubigerageje vyoba vyiza cane kuko bituma wiyegereza Uhoraho gusumba. RURUFATIRO1. Ugutunganywa n’ukwezwa.2. Gusaba Uhoraho Imana ngo ishitse isezerano kuri mwebge no ku gihugu. 3. Gusengera imitwaro itandukanye.UMU-KRISTO WESE ARATUMIWE MURI AYO MASENGESHO YO NKWITANGA.Twese turi umwe muri Yesu Kristo. Twaratoranijwe kandi turi mu rugendo turongorwamwo na Mpwemu w’Imana. Dutegerezwa gufashanya nk’abana b’Imana. Turi hejuru y’amadini n’amashengero kuko turi Ihanga ry’Imana.Hari ubufasha ugomba: ugusiguza inzozi, ukwihana, ukubatizwa, ugutahuzwa, ugusengerwa canke ikindi kibazo ugomba kubaza ni wegere abakozi b’Imana bari hafi yawe canke uhamagare kuri izi numero bivanye naho uri, ufashwe.1. +1605 400-55802. +256 7948498083. +257 61404181 YESU KRISTO YAMAMARE!