Umutumiro w’amasengesho w’ihuta ku barundi aho bari hose

                              UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YIHUTA

Ihanga Ryera ry’Imana riratumiriye umurundi wese, aho ari hose mu masengesho yo kwitanga azomara iminsi itatu. Ayo masengesho atumweko n’ijuru azotangura kuwa gatandatu (Samedi) hashira kuw’Imana (Dimanche) isaha zitandatu z’ijoro (minuit), kw’igenekerezo rya 10 arangire kuwa kabiri (Mardi) igenekerezo rya 12 ku mugoroba. Bantu muri mu gihugu cacu c’Uburundi mu ntara soze, namwe muri mu mahanga hirya no hino, bantu muri mu mabohero, namwe muri mu makambi y’impunzi n’ahandi muri mu buhungiro; aya masengesho arabaraba.

Ba-Kristo muri mu mashengero atandukanye namwe mwese muri mw’Ihanga Ryera ry’Imana, iki ni cagihe co kwiherenana n’Imana mu masengesho.

URUFATIRO

Matayo 19:13-15 “Bamuzanira abana bato go abarambikeko ibiganza, abasabire. Ariko abigisha barabakankamira. Yesu arababgira ati ni mureke abana bato, ntimubabuze kuza aho ndi, kuko ubgami bgo mw’ijuru ari ubgo abameze gutyo. Abarambikako ibiganza avayo.”

IVYO MPWEMU YERA AHISHURA

-Mpwemu Yera agira anyuragire mu bantu hirya no hino yikorere igikorwa c’inkomezi co kwigisha, guhezagira no kudomako ikimenyetso. Hazojabuka Yorodani abameze nk’abana bato gusa.

-Abantu bose bazitaba aya masengesho bategerezwa kumera nk’abana bato. Abameze nk’abana bato ni abantu bafise imitima umenetse, bigishwa, baca bugufi, batagabitanya, batagira urwanko, amacakubiri, ishari, inzigo, uburyarya.i

-Abameze batyo nibi bahawe igikorwa co gusenga vyihuta kandi bagiye kuronswa vyankenerwa vyururtse biva mw’ijuru vyo mu bihe bigoye: imfungurwa, amazi n’imiti, ikimenyetso uburinzi n’ inkomezi.

URUTONDE

  • Abahawe gusenga bisonzesheje nti bazorya canke ngo banywe muri iyo minsi itatu.
  • Abahawe kwiririza, bazohora banywa kardi bafungura mw’ijoro gusa muri iyo minsi itatu.

IMITWARO

  • Ukwiyeza no gusaba uburinzi.
  • Gushima Imana yuko igiye gushitsa ivyo yasezeranye.