

Uyu munsi kuwa gatanu ( Vendredi) sa sita y’ijoro ( minuit) niho Abarundi bose bitavye akamo k’ijuru ko gufata amasengesho y’iminsi itatu yo kwisonzesha, atangarura. Ayo masengesho azomara iminsi itatu ku magenekerezo ya 10, 11 na12; kuwa 6 (Samedi) kuwa Mungu ( Dimanche) no kuwa mbere ( lundi) azorangira lundi ku mugoroba.
Nta muntu numwe yemerewe gufungura ku mutanga kuri iyo minsi. Abarwaye, abakuriwe, abonsa n’abageze muza bukururu nibo bemerewe kunywa amazi canke umutobe ku murango, bagafungura mw’ijoro gusa. Abandi bose tuzomara iyo minsi atawuriye canke anyoye kiretse uwo amagara akitse, turi imbere y’Imana dusenga ijoro n’umurango.
Hari ico ubaza twandikire kuri +257 61404181- +256 794 849808 – +1 (605) 400-5580