Uhoraho Imana ahishuye biciye muri ay’amasengesho yuko Rubogorabugingo agiye kwima ingoma mu Burundi.

IHANGA RYERA RY’IMANA
IVYAVUYE KU GASOZI K’ABAVUGISHWA

I. URUTONDE MPWEMU YATANZE
Ibikorwa vya Mpwemu yera birakomeye, twakurikiranye urutonde rwose:

  1. kubijanye n’ibifungurwa twabonye abari bagize ico gikorane tuhabwa ibiharage n’amateke kandi ayo mateke ntiyarasataguye! Kumwe namazi yo kunywa! Inyuma yaho hateguwe imyumbati! Muntu witavye iki gikorane Uhoraho Imana yatumiye, umenye yuko muri ibi bihe no mubihe bitoroshe bigeye kuza vyankenerwa vyamaze kwururuka biva mw’ijuru. Ntaco uzokena.
  2. Twabonye twanzitse dusenga dusaba Imana kwezwa n’amaraso ya Yesu Kristo, dusaba ubuhungiro bwo muri Kristo Yesu, dusaba n’ukurindwa. Muri ibi bihe vy’aya masengesho ugume uzirikana intumbero yayo kuva ku ntango gushika kw’iherezo. N’inyuma yayo ni ukumenya udakekera y’uko ivyo wasavye wabihawe.
  3. Inyuma yaho hakurikiye kuririmba indirimbo z’amashimwe duhimbaza Imana havuzwa n’ingoma! Abazi guhibongoza, kuvuga amazina, ibicuba, abazi kwandika imvugo ndyoheramatwi no kandika indirimbo z’ishimwe iki ni ca gihe. Duhimbaze Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo.
  4. Icanyuma hasozerewe n’ugutamba dutarika, tuvuna amahunja, twigina INTSINZI. Mwitegure ku munsi ugira gatatutu w’aya masengesho, tuzosura agakungugu, duhaguruke tubire akuya mu gutambira Uhoraho Imana yacu tutanga amashimwe. Uwuzoba afise ishikinwa azoca aritanga.

II. IGISOMWA MPWEMU W’IMANA ATANZE
Mose ashikiriza Ihanga ry’Abarundi ivyo Imana imubariye
[Kuvayo 12:21-28]
21 p Nuko Mose ahamagaza abakuru bose bo mu Bisirayeli, arababarira, ati Ni mwirobanurire imyagazi, ukw amazu yanyu angana, muyibagire Pasika.
22 q Mwiyabirire agakama ka ezobu, mukajobeke mu maraso ari mu rwavya, mumijagire ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, ntihaze hagire umuntu n’umwe muri mwebge asohoka mu nzu yiwe gushitsa mu gitondo.
23 r Kuk’ Uhoraho azohaca, azanywe no kwica Abanyegiputa: kand’ ah’ azobona ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, Uhoraho azorengana iyo nzu, ntazokundira umuranduzi kwinjira mu nzu zanyu ngw abice.
24 Kand’ ivyo, muze mwame muvyitondera bibe icagezwe c’intahava kuri mwebge no ku bana banyu.
25 Kandi ni mwamara gushika mu gihugu Uhoraho azobaha, nk’uko yasezeranye, muze mwame mwitondera uwo muhango.
26 s Kand’ ukw abana banyu bazobabaza, bat’ Uyu muhango wanyu n’uw’ iki?
27 t muze mubishure, mut’ Iki ni co kimazi citwa Pasika y’Uhoraho, kuko yarenganye amazu yacu Abisirayeli, turi muri Egiputa, akayaziguriza, igihe yica Abanyegiputa. Abantu barunama, barasenga.
28 Abisirayeli baragenda, bakora nk’uko nyene; uk’ Uhoraho yageze Mose na Aroni, aba ari ko bakora.
UMWAMI YAMAMARE!