
AMAJAMBO Y’INDIRIMBO TURIRIMBA
Ni je ni Je gusa bikwiriye ko nsengerwa, Ni je ni je gusa Bikwiriye yuko nsengerwa.
- Si na data sin a mama, ni jewe gusa bikwiye yuko nsengerwa. Si na data sin a mama, ni jewe gusa bikwiye yuko nsengerwa.
- Kandi sin a mwene mama, ni jewe gusa bikwiriye yuko nsengerwa, eka si na mwene mama, ni jewe gusa bikwiriye yuko nsengerwa.
- Kandi s’abo mu muryango, ni jew gusa bikwiriye yuko nsengerwa. Eka s’abo mu muryango, ni jewe gusa bikwiriye yuko nsengerwa.
- Kandis’abotuzinanyi,nijewegusabikwiriyey’ukonsengerwa. Eka s’abo tuzinanyi, ni jewe gusa bikwiriye yuko nsengerwa.
IVYEREKANYWE
Uhoraho Imana ati mpaye ikaze iyo mirwi yose yamaze gutera ikinkumu, bagafata ingingo ntabamduka yo kwitaba umuhamagaro
wo gusenga bisonzesheje kuva igenekerezo rya10/10/20 gushika 10/12/20.
Jewe Uhoraho Imana yanyu, Imana y’Ihanga ry’Aburundi, ni jewe ubwanje natangaje ukwo kwisonzesa kubera umugambi mfitiye igihugu c’Uburundi.! Mbibutsa yuko Mpwemu yera ariwe ubwiwe ahagarariye ico gikorwa c’igikorane kizomara imisi itatu. Uhoraho akaba agaragaje kumugaragaro iyo mirwi yagize urunani rw’ubumwe, bugizwe numuzingi umwe, bakaba umwe nkuko ubutatu bweranda ari umwe!
Iyo migwi igizwe:
1)Ingabo Za yesu Kristo
2)Abateramyi
3)Abashibamyi
4)Abizigirwa
5)Umushuzo
6)Abahizi
7)Imboneza
8)Indarangavye
9)Abumvira
10)Abubaha
11)Abameze nk’Abana bato
12)Inserukarukamvye
Urugendo rwiza kwabo bose, twishimikize inkoni y’ Ukwizera, Amen!
UMWAMI N’UMUKIZA WACU YESU KRISTO YAMAMARE!