
ABAKRISTO MUGARUKANE IGITINYIRO C’UHORAHO IMANA MU BANTU
Abantu babayeho barihebeye Imana, iyo bariko baravuga ivyerekeye urupfu, bavuga yuko urupfu ari irembo ry’ijuru. Baba bariko bararemesha abasigaye canke bariko barabgira abakiriho yuko atawotinya urupfu kuko ariyo nzira yo kuja kubana n’Imana. Ariko bibiliya iratubgira neza yuko hariho abantu bagiye mw’ijuru kubana n’Imana badaciye mu rupfu. Aha twovuga nka Eliya [2 Abami 2:10-11] na Enoki yabayeho imyaka 365 [Itanguriro 5:21-24] baduze mw’ijuru ari bazima. Kuri abo hiyongerako Yesu Kristo yaduze mwijuru yabanje gupfa hanyuma inyuma y’iminsi itatu akazuka. Uwo ni MESIYA akaba Umwami n’Umukiza wacu. Niwe nzi n’ukuri n’ubugingo. [Yohana 14:6] Uwo niwe adusengera akadukiza urupfu.
Imana ivuze yuko inkota yayo imanutse kurigata abanyakibi mu Burundi, ku ruhande rumwe hariho mu bigira abakozi b’Imana baca bihakana ngo ni ubutumwa n’ubuvugishwa bg’iterabgoba. Ku rundi ruhande, hariho abiremesha ngo Imana ni inyarukundo, inyembabazi n’umugiraneza, mbere bakanda n’imirongo yo muri Bibiliya bokwishimikiza. Ico abo bigira abavugishwa b’ibinyoma biyibagiza n’uko Imana iyo yatewe ishavu n’abo yaremye bakarenga ivyagezwe vyayo, itica gusa mugabo irandura abantu. Ico gikorwa c’ubugororotsi, kuko ivyo Uhoraho Imana akora vyose bigororrotse, mu kukirangura ikoresha inzira nyinshi: (1) ibiza vy’ingwara, (2) imyuzure, (3) imiriro, (4) intambara, (5) ibikoko, (6) amabuye, (7) ibihomoka (8) Impanuka, (9) ….
Abishwe | Icaha bakoze | Uko bishwe | Aho vyanditse |
20 milliyoni (ikigereranyo). | Kugira ububisha | Gusoma nturi | Itanguriro 6:7 |
Ibisagara vya Sodoma na Gomorrah (Abantu 600-1200) | -Ingeso zononekaye, gushaka no gusambanya abamarayika -kuba abanyabgibone, kutitaho abakene, gukora ibizira, abagabo basambaya abanda, n’abagore basambaya abandi… | Bishwe baturiwe n’umuriro n’imvura y’ibizuku. | Kuvayo 19:4-5 Ezekiyeli 16:46-50 |
Muka Loti. | Yahagaze ngo arabe inyuma uko Imana isangangura ibisagara vya Sodom ana Gomora. | Yacitse inking y’umuriro. | Itanguriro 19:26 |
Er, impfura ya Yudah. | Kuba umunyavyaha mu nyoga z’Imana | Ntawuzi uko yishwe | Itanguriro 38:7 |
Onan mwene wabo na Eri | Kutubaha icagezwe co kudahonora muka mwenewabo yari yapfuye mu gusesa intanga ziwe. | Ntawuzi uko yishwe | Itanguriro 38:9-10 |
Abana b’impfura bo muri Egiputa. | Farawo yakomantajwe umutima n’Imana yanka kurekura Ihanga rya Isirayeli riri muri Egiputa. | Umumarayika w’urupfu. | Kuvayo 12:29 |
Ingabo za Egiputa. | Banse kutubaha itegeko rya Farawo maze bakurikira isirayeli yigiriye. | Baratwawe basoma nturi. | Kuvayo 14:28 |
Nadabu na Abihu, abahungu ba Aaroni. | Gutanga ikimazi ku Mana n’umuriro utazwi. | Bishwe baturiwe | Abalewi10:1-3. |
Abisirayeli batazwi uko bangana | Icaha co kwidogera Imana | Bishwe n’umuriro | Guharura 11:1-3 |
Igitigiri kitazwi n’abisirayeli | Kwidogera indya ngo bagomba gusubira muri Egiputa | Icago | Guharura11:4-35 |
Abatasi 10 barungizwe gutata I Kanai | Kwatura ikibi ngo haba ibigatanya | Icago | Guharura14:36-38. |
Korah, Dathan, Abiram n’imiryango yabo mu gabo abana ba Kora ngo barakize | Bavuga ngo nabo barejejwe nka Mose na Aaroni. | Isi yarasamye irabamira bahabga babona. | Guharura 16:27-32 Numbers 26:11 |
250 Aba-isirayeli. | Abayoboke ba Korah | Bishwe baturiwe n’umuriro w’Imana | Guharura 16:35 |
14,700 Aba-isirayeli. | Bidoze ngo abayoboke be na Korah barishwe | Icago | Guharura 16:49 |
Igitigiri kitazwi c’abanya-isirayeli | Kwidogera indya y’umutsima. | Bishwe bakomowe n’inzoka. | Guharura 21:4-9 |
24,000 vyab’Israyeli | Ubushakanyi n’abagore bi Mowabu hamwe no gusenga Bayali.. | Icago. | Guharura 25:9 |
Igitigiri kitazwi c’abamori | Gushaka guhangara ihanga ry’Imana no kurigwanya. | Iminana yo mw’ijuru | Yoshuwa 10:10-11 |
Hagati ya 70 ocanke 50,070 vy’abisrayeli. even at the source). | Baravye mw’isandugu y’isezerano. | Ntawuzi uko bishwe boba bashika muhira bakuma. | 1 Samweli 6:19 |
Nabali. | Imana yishe Nabali ihorera Dawidi | Yapfuye akubiswe n’Imana | 1 Samweli 25:38 |
Uzziyah. | Yabogoye isandugu y’isezerano | Ntawizi uko yapfuye. | 2 Samweli 6:6-7 |
Umuhungu wa Dawidi na Bathisheba. | Ubusambanyi bga Dawidi na Bathisheba bgatumye Uriyah yicwa. | Ntawuzi uko yapfuye | 2 Samweli 12:14-18 |
70,000 vy’abisirayeli | Umugararizo wo gukora ivyo Imana idashaka | Icago | – 2 Samuel 24:13, – 2 Samuel 24:1. – 1 Ingoma 21:1 |
Umuvugishwa atavuzwe | Yabujijwe n’Imana kurya mugabo arahendwa n’uwundi mu vugishwa ararya | Yatabaguwe n’intambwe | 1 Abami 13:1-24 |
Umuhungu wa Jerobowamu | Gushitwa kw’ivyahanuwe | Ntawuzi uko yapfiriye mu maboko ya nyina. | 1 Abami 14:10-18 |
Umuntu atavuzwe izina | Yanse kwica umuvugishwa nkuko abisabge | Yishwe n’intare | 1Abami 20:35-36 |
Umwami Ahaziyah | Yasavye impanuri z’ubuganga uwusenga izindi mana na Bayali. | Yaguye mu gitanda kandi yariko arakira | 1 Abami 22:51 2 Abami 1:16 |
Abasirikare 102 | Kutubaha umuvugishwa Eliyah bakubaha Umwami Ahaziyah. | Bishwe baturiwe | 2 Abami 1:9-12 |
Abana 42. | Batwenze Elisha ngo afise ubuhanza | Idubu z’ingore 2 | 2 Abami 2:23-24 |
Abanyamahanga bamwe | Banse gusenga Imana | Bishwe n’intare | 2Abami 17:25-26 |
185,000 vy’abasirikare | Barwana n’Ihanga ry’Imana ry’Abisirayeli | Bishwe n’umumarayiko w’Uhoraho basinziriye | 2 Abami 19:35 |
Yerobowamu. | Kugumukira Abiyah, umwami wa Isirayeli | Ntawuzi uko yishwa | 2 Ingoma 13:20 |
Yehoram. | Gukora ikizira mu maso y’Imana | yishwe n’ingwara yatuma urura rusohoka. | 2 Ingoma 21:14-19 |
Muka Ezekiyeli | Imana yigisha Ezekiyeli | Ntawubizi | Ezekiyeli 24:15-18 |
Turabiye hamwe abantu bishwe n’Uhoraho Imana, ni ama miliyoni n’ama miliyoni y’abantu yarigiswe n’inkota y’Imana, harimwo n’abakuru b’ibihugu canke abami. No mw’isezerano rishasha:
-Imana yarerekanye ugupfuha kwayo no gupfuhira icubahiro cayo. Umwami Herodi yambaye impuzu nyambarabami, avyagira ku ntebe y’inganji avuga ijambo. Abantu nabo baca barasemerera ngo: “N’ijwi ry’imana siry’imuntu”. Uyo mwanya nyene umumarayika w’Imana aramanuka aca aramwabiza, umwami Herodi bariko barishimira aturika inyo ako kanya nyene. [Ivyakozwe n’intumwa 12:20-25]
-Mwibuke inkuru ya Ananiya na Safira uko bapfuye [Ivyakozwe n’intumwa 5: 3-11]. Hariho abantu benshi bapfuye bishwe n’Imana ubgayo mu gihugu cacu n’ahandi henshi barahari naho batandikwa mu bitabo. Ehe abo Uhoraho Imana amaze kwimarira ko ishavu bakarigitwa.
Abo bazazi kwicwa n’Uhoraho Imana bose hamwe ubateranije bararenga na kure 24.994.828. Ivyo vyose vyavuye ku kugarariza Imana nk’uko biri uyu munsi. Aba-Kristo bose aho bari mu gihugu cacu c’Uburundi, barakwiriye kugarukana igitinyiro c’Imana n’icubahiro cayo mu bantu. Ico mpwemu Yera ahishuriye abantu gukora cose ni icagezwe c’Imana co kwubahirizwa mw’izina rya Kristo.