Yesu Kristo niwe adusengera kugira ngo dukire urupfu kuko inkota y’Imana yururutse

    ABAKRISTO MUGARUKANE IGITINYIRO C’UHORAHO IMANA MU BANTU

Abantu babayeho barihebeye Imana, iyo bariko baravuga ivyerekeye urupfu, bavuga yuko urupfu ari irembo ry’ijuru. Baba bariko bararemesha abasigaye canke bariko barabgira abakiriho yuko atawotinya urupfu kuko ariyo nzira yo kuja kubana n’Imana. Ariko bibiliya iratubgira neza yuko hariho abantu bagiye mw’ijuru kubana n’Imana badaciye mu rupfu. Aha twovuga nka Eliya [2 Abami 2:10-11] na Enoki yabayeho imyaka 365 [Itanguriro 5:21-24] baduze mw’ijuru ari bazima. Kuri abo hiyongerako Yesu Kristo yaduze mwijuru yabanje gupfa hanyuma inyuma y’iminsi itatu akazuka. Uwo ni MESIYA akaba Umwami n’Umukiza wacu. Niwe nzi n’ukuri n’ubugingo. [Yohana 14:6] Uwo niwe adusengera akadukiza urupfu.

Imana ivuze yuko inkota yayo imanutse kurigata abanyakibi mu Burundi, ku ruhande rumwe hariho mu bigira abakozi b’Imana baca bihakana ngo ni ubutumwa n’ubuvugishwa bg’iterabgoba. Ku rundi ruhande, hariho abiremesha ngo Imana ni inyarukundo, inyembabazi n’umugiraneza, mbere bakanda n’imirongo yo muri Bibiliya bokwishimikiza. Ico abo bigira abavugishwa b’ibinyoma biyibagiza n’uko Imana iyo yatewe ishavu n’abo yaremye bakarenga ivyagezwe vyayo, itica gusa mugabo irandura abantu. Ico gikorwa c’ubugororotsi, kuko ivyo Uhoraho Imana akora vyose bigororrotse, mu kukirangura ikoresha inzira nyinshi: (1) ibiza vy’ingwara, (2) imyuzure, (3) imiriro, (4) intambara, (5) ibikoko, (6) amabuye, (7) ibihomoka (8) Impanuka, (9) ….

AbishweIcaha bakozeUko bishweAho vyanditse
20 milliyoni (ikigereranyo).Kugira ububishaGusoma nturiItanguriro 6:7
Ibisagara vya  Sodoma na Gomorrah (Abantu 600-1200)-Ingeso zononekaye, gushaka no gusambanya abamarayika -kuba abanyabgibone, kutitaho abakene, gukora ibizira, abagabo basambaya abanda, n’abagore basambaya abandi…Bishwe baturiwe n’umuriro n’imvura y’ibizuku.Kuvayo 19:4-5 
Ezekiyeli 16:46-50
Muka Loti.Yahagaze ngo arabe inyuma uko Imana isangangura ibisagara vya Sodom ana Gomora.Yacitse inking y’umuriro.Itanguriro 19:26
Er, impfura ya Yudah.Kuba umunyavyaha mu nyoga z’ImanaNtawuzi uko yishweItanguriro 38:7
Onan mwene wabo na EriKutubaha icagezwe co kudahonora muka mwenewabo  yari yapfuye mu gusesa intanga ziwe.Ntawuzi uko yishweItanguriro 38:9-10 
Abana b’impfura bo muri Egiputa.Farawo yakomantajwe umutima n’Imana yanka kurekura Ihanga rya Isirayeli riri muri Egiputa.Umumarayika w’urupfu.Kuvayo 12:29 
Ingabo za Egiputa.Banse kutubaha itegeko rya Farawo maze bakurikira isirayeli yigiriye.Baratwawe basoma nturi.Kuvayo 14:28 
Nadabu na Abihu, abahungu ba Aaroni.Gutanga ikimazi ku Mana n’umuriro utazwi.Bishwe baturiweAbalewi10:1-3.
Abisirayeli batazwi uko banganaIcaha co kwidogera ImanaBishwe n’umuriroGuharura 11:1-3
Igitigiri kitazwi n’abisirayeliKwidogera indya ngo bagomba gusubira muri EgiputaIcagoGuharura11:4-35
Abatasi 10 barungizwe gutata I KanaiKwatura ikibi ngo haba ibigatanyaIcago Guharura14:36-38.
Korah, Dathan, Abiram n’imiryango yabo mu gabo abana ba Kora ngo barakizeBavuga ngo nabo barejejwe nka Mose na Aaroni.Isi yarasamye irabamira bahabga babona.Guharura 16:27-32 Numbers 26:11 
250 Aba-isirayeli.Abayoboke ba KorahBishwe baturiwe n’umuriro w’ImanaGuharura 16:35
14,700 Aba-isirayeli.Bidoze ngo abayoboke be na Korah barishweIcagoGuharura 16:49 
Igitigiri kitazwi c’abanya-isirayeliKwidogera indya y’umutsima.Bishwe bakomowe n’inzoka.Guharura 21:4-9 
24,000 vyab’IsrayeliUbushakanyi n’abagore bi Mowabu hamwe no gusenga Bayali..Icago.Guharura 25:9 
Igitigiri kitazwi c’abamoriGushaka guhangara ihanga ry’Imana no kurigwanya.Iminana yo mw’ijuruYoshuwa 10:10-11
Hagati ya 70 ocanke 50,070 vy’abisrayeli. even at the source).Baravye mw’isandugu y’isezerano.Ntawuzi uko bishwe boba bashika muhira bakuma.1 Samweli 6:19 
Nabali.Imana yishe Nabali ihorera DawidiYapfuye akubiswe n’Imana1 Samweli 25:38 
Uzziyah.Yabogoye isandugu y’isezeranoNtawizi uko yapfuye.2 Samweli 6:6-7 
Umuhungu wa Dawidi na Bathisheba.Ubusambanyi bga Dawidi na Bathisheba bgatumye Uriyah yicwa.Ntawuzi uko yapfuye2 Samweli 12:14-18 
70,000 vy’abisirayeliUmugararizo wo gukora ivyo Imana idashakaIcago2 Samuel 24:13, – 2 Samuel 24:1. – 1 Ingoma 21:1
Umuvugishwa atavuzweYabujijwe n’Imana kurya mugabo arahendwa n’uwundi mu vugishwa araryaYatabaguwe n’intambwe1 Abami 13:1-24
Umuhungu wa JerobowamuGushitwa kw’ivyahanuweNtawuzi uko yapfiriye mu maboko ya nyina.1 Abami 14:10-18
Umuntu atavuzwe izinaYanse kwica umuvugishwa nkuko abisabgeYishwe n’intare1Abami 20:35-36 
Umwami AhaziyahYasavye impanuri z’ubuganga uwusenga izindi mana na Bayali.Yaguye mu gitanda kandi yariko arakira1 Abami 22:51  2 Abami 1:16
Abasirikare 102Kutubaha umuvugishwa Eliyah bakubaha Umwami Ahaziyah.Bishwe baturiwe2 Abami 1:9-12 
Abana 42.Batwenze Elisha ngo afise ubuhanzaIdubu z’ingore 22 Abami 2:23-24
Abanyamahanga bamweBanse gusenga ImanaBishwe n’intare2Abami 17:25-26 
185,000 vy’abasirikareBarwana n’Ihanga ry’Imana ry’AbisirayeliBishwe n’umumarayiko w’Uhoraho basinziriye2 Abami 19:35
Yerobowamu.Kugumukira Abiyah, umwami wa IsirayeliNtawuzi uko yishwa2 Ingoma 13:20
Yehoram.Gukora ikizira mu maso y’Imanayishwe n’ingwara yatuma urura rusohoka.2 Ingoma 21:14-19
Muka EzekiyeliImana yigisha EzekiyeliNtawubiziEzekiyeli 24:15-18 

Turabiye hamwe abantu bishwe n’Uhoraho Imana, ni ama miliyoni n’ama miliyoni y’abantu yarigiswe n’inkota y’Imana, harimwo n’abakuru b’ibihugu canke abami. No mw’isezerano rishasha:

-Imana yarerekanye ugupfuha kwayo no gupfuhira icubahiro cayo. Umwami Herodi yambaye impuzu nyambarabami, avyagira ku ntebe y’inganji avuga ijambo. Abantu nabo baca barasemerera ngo: “N’ijwi ry’imana siry’imuntu”. Uyo mwanya nyene umumarayika w’Imana aramanuka aca aramwabiza, umwami Herodi bariko barishimira aturika inyo ako kanya nyene. [Ivyakozwe n’intumwa 12:20-25]

-Mwibuke inkuru ya Ananiya na Safira uko bapfuye [Ivyakozwe n’intumwa 5: 3-11]. Hariho abantu benshi bapfuye bishwe n’Imana ubgayo mu gihugu cacu n’ahandi henshi barahari naho batandikwa mu bitabo. Ehe abo Uhoraho Imana amaze kwimarira ko ishavu bakarigitwa.
Abo bazazi kwicwa n’Uhoraho Imana bose hamwe ubateranije bararenga na kure 24.994.828. Ivyo vyose vyavuye ku kugarariza Imana nk’uko biri uyu munsi.  Aba-Kristo bose aho bari mu gihugu cacu c’Uburundi, barakwiriye kugarukana igitinyiro c’Imana n’icubahiro cayo mu bantu. Ico mpwemu Yera ahishuriye abantu gukora cose ni icagezwe c’Imana co kwubahirizwa mw’izina rya Kristo.