INTAHE N’AMASHIMWE Y’UMWIGEME NIYONYISHU DIVINE

            

  NIYONYISHU Divine ni umwigeme w’imyaka 20 yabatijwe kw’igenekerezo rya 13/10/2020, mugihe yaramaze imyaka ine aboshwe n’abadayimoni. Kuva igihe yarafise imyaka 16 niho yatangura guhinduka kuburyo mu muryango batabona ivyarivyo kuko yarasanzwe asengera mw’idini rya GATULIKA aho yarasanzwe ari mu murwi w’abaririmvyi (chorale ya louange). Igihe kimwe yariteguyuye, maze agakunda kwisiga amavuta bakunze kwita (fond de teint), asanzwe afise ubwoko butandukanye.  Ayo yisiga yarasanzwe yitwa Aisha kandi ni nayo yakoresheje uyo munsi.  Yagiye gusenga nkuko vyama, maze aca afatwa n’amadayimoni. Atangura kwivuga ko yiyita Aisha ko vyanijiriye mu mavuta yisiga ibindi bikavugako vyavuye mumva aho yakunda kuragira inka. Baramusengeye muri GATULIKA biranka. Aba patiri baho yasengera baramutwaye ngo bamusengere amarayo igihe kitarigito ariko vyarushirije kuba nabi. Abavyeyi barahavuye baramukurayo kuko kuko muri kahise kabo bahora ari abapfumu bamenye ivyarivyo. Mugabo baruhiye gukizwa bakaba bariko barirukana impwemu zihumanaye. Ise w’uyo mukobga yamusengeye ariko vyaranse ahava atumako n’abandi basenzi biranka kwakira.

Umwanya wose, ivyo binyakuzimu vyamutegeka, vyaguma bimuhamagara bikamutwara ahantu mu gitara bakavuganirayo, bikamuha amategeko agenderako. Mu gihe, yarakiri umuririmvyi muri Chorale muri louange bahavuye bamwirukana kuko wewe yaca atangura kwiririmbira ivyiwiwe bahava baramukuramwo kubera yuko babona kwameze nk’umusazi.

Vyaramujana n’ahantu mu mwonga aho basoromye ibijumpu bikamutegeka ko ahekenya imizi yibijumbu yyasigaye    ku mivyuka, ahandi naho bikamutwara kwahira ivyatsi akabirya nka kurya kw’ibikoko, kugezaho   muhira atamuntu n’umwe yarakimuvugisha. Yari yarashatse gutema se wiwe, barirutse aramusiga maze acatemagura ibitoke kuburyo bose bamutinya.

Abo badayimoni barakoresheje ikintu gituma Imana izinukwa abantu kuko baramutegetse yuko agenda arateza ubusambanyi mu bantu. Aho ivyo yabikoze igihe kinini cane kuko adakoze ivyo vyamutumye vyaramukubita gose gushika naho bimuboha amaguru bikoresheje iminyororo kandi bikamubuza ko avuga ikintu na kimwe. Hari naho vyamubwirako azokwubaka vyonyene bimucaguriye umugabo kandi ko umwana w’infura azovyara bizoca bimutwara kugira azoronke itunga ryishi. Vyaranamutegeka ko mukwiyoga azokwama atanguza ukuguru kwibubafu n’ayandi ma bgirizwa y’ikuzimu menshi.

Yahavuye ahura n’umukristo w’umubanyi wo mw’Ishengero rya YESU KRISTO- IHANGA RYERA RY’IMANA akamuzana mu masengesho yo ku gicaniro ahasanzwe habera ibikorwa vyo kubora ababoshwe. Amaze guhura n’abakozi b’Imana bakamusengera, yarabohotse kandi ivyo vyose yahoramwo bikaba vyaramuvuyemwo ubu akaba yidegemvya, ntakigendera ku mategeko y’abadayimoni. Ubu yabatijwe mw’ishengero rya YESU KRISTO- IHANGA RY’IMANA kandi arashima cane ukuntu yabohotse. Ubu afise ubuzima bwiza bg’umwidegemvyo muri Yesu Kristo kandi yarahisemwo y’uko agiye gukorera Imana n’umwete wiwe wose. Yarahawe Ingabire ya MPWEMU YERA. Oyeeeee!

Muntu uri mu ntara ya Gitega no mu micungararo, satani ntakakugire imbata ngo agucure bufuni na buhoro. Umwami Yesu ari ku ngoma kandi yaraduhaye ububasha bgo gukandagira inzoka na sikoropiyo [LUKA 10:19]. Umwami Yesu Kristo yaduhaye ubushobozi aho yazukana intsinzi kuri rupfu na kuzimu. Usanga aho uja gusengera basenga Imana itavuga, idakiza kandi iterekana ubushobozi, vayo tukwereke aho basenga Imana nya Mana, Umukiza, Uhoraho, Yehovah Rafa. Twakure kuri +257 61404181.

YESU KRISTO YAMAMARE HOSE, Amen!