Kurindira ugushitswa kw’isezerano si ukuvuga ivyagezwe canke ayandi majambo, ni ugukora ivyo ukugororoka.

Ubgami bg’Uhoraho Imana si ivyagezwe canke inyigisho z’abo biyita amazina, bavuga ngo bemera ibi na biriya. Ubgami bg’Umuremyi Imana burangwa n’ibikorwa: Ukwizera, ukwihana, ukwezwa, ukwamamaza Kristo Yesu, ukubatiza, ukubohora ababoshwe, ugufasha impfuvyi n’abapfakazi… ni ibintu n’abantu buntu babonesha amaso. Ingo dukorere Uhoraho Imana hakibona.