
Hariho abantu bitiranya inzozi n’ivyiyumviro vy’abantu bacisha ku mihora ngurukana bumenyi nka za youtube, whatsapp na facebook; bakavyitiranya n’imburi n’ubuhanuzi buca kuri Radio Isezerano Internationale. Abo barota canke baserura ivyipfuzo vyabo bakabishira ku mihora vyumvirizwa na benshi mugabo hashobora kuba harimwo ukuri gukeya ariko ibice vyinshi ni amarangamutima, ivyipfuzo n’inzozi zabo. Murazi yuko ivyoumuntu yamamwo kandi akipfuza arivyo ahava akarota.
Biratandukanye cane n’imburi n’ubuhanuzi buca kuri Radio Isezerano Internationale kubera yuko buba bgavuye mu basenzi n’abinginzi b’Ihanga Ryera ry’Imana, biciye mu bahanuzi b’Ihanga bazwi kandi bgabanje gusuzuma yuko bgavuye k’Uhoraho Imana koko bukaza busasira Ijambo ry’Imana ryanditswe muri Bibiliya Yera.
Mu maze iminsi hariho abiyamamura ngo amagenekerezo aya canke ariya Uhoraho Imana azokora ibi na biriya, ngo beretswe ibi na biriya. Ivyo vyose n’ivyo kwitondera kuko imigambi y’Imana itandukanye n’ivyiyumviro vy’abana b’Ababantu. Abafise ibanga nti barisanzaza mw’ibarabara ngo baryande hasi. Iyo hageze kuvuga bashikiriza ibikenewe gusa.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare!