
IZO NZOKA ZOSE TUGIYE KUZIHINDURA IMISIBA MW’IZINA RYA YESUS KRISTO
HANGA RYERA RY’IMANA, muri Ishengero rya Yesu Kristo, mwakowe amaraso y’agaciro. Aho mugeze hose haba mu bifungurwa, mu migenzo canke mu ntambara, ntimugakore nkuko abapagani babigenza kandi ntimugakore ivyo abanyamadini bakora, kuko nti mumeze nkabo. Ni bakugwanya ehe uko uzobigenza:
Twigire ku ntambara y’inkona. Sindiko ndavuga ivyo imihari n’imigambge mugabo ivyanditswe vyera muri [YESAYA 40:31]. Inkona ntirwanira n’inzoka mu gisaka. Inzoka ni igikoko kibi cane kandi ibikoko vyose birayitinya. Hariho incira, invuvyi, inkoma, imamba na mugambira. Muri izo nzoka hariho iyo isutse ubumara batagombora. Mu gihe gito yaba ari umuntu canke igikoko bica bipfa bidatevye. Abantu b’ubu baba abapagani canke ab’iyita yuko bazi Imana basigaye bameze nk’izoka. Mwirinde abiyita ngo ni abakozi b’Imana baterekana ibikorwa vyo ku gororoka.
Inkona, ntiyigera igwanya inzoka mu gisaka canke ku butaka. Irayiterura ikayijana hejuru mu kirere, ikaba ihinduye aho urugamba rutegerezwa kubera. Inkona ntakindi ikora. Iyishikanye hariya hejuru ku bicu ica irekurira hasi ya nzoka. Burya inzoka ziri mu kirere nta bubasha, nta nkomezi, nta kishimikizo canke uburagamo iba igifise. Ica itakaza ubugunge, uburyarya, ububisha, n’ubumara bgayo bugacika ubusa, ikamera nk’umukanda, umuvyuka canke igisomasoma. Ariko murazi yuko atariko inzoka zimeze iyo ziri ku biti, mu mazi, ku vyatsi, ku myobo canke mu vyambu vyazo.
Umu-Kristo w’ukuri wese, aho ari mu gihugu canke mu mahanga, akwiriye guhindura, agatwara urugamba rwose mu Mpwemu akoresheje amasengesho. Umaze guhamagara ijuru, Uhoraho Imana aca afata ibibazo vyawe vyose mu ntoke maze ikakurwanira. Ntukarwanye abansi bawe ukoresheje ibirwanishwa basanzwe bakoresha kuko barabimenyereye. Bakwitwariye muri sentare z’ab’isi, wewe batware muri sentare yo mw’ijuru kuko yoyo ntibera kandi umucamaza ari ku ruhande rw’abari mu kuri n’ukugororoka. Bakurementanirije, bakakurenganya tekana, ubatwenge maze wigendere mu cumba co haruguru, Uhoraho Imana izobamaramaza. Hariho uwutazoteba ku guhorera. [Abaroma 12:19]
Mw’Ihanga Ryera ry’Imana, tumaze kurwana intambara nyinshi kandi zose twarazitsinze kuko uri kumwe n’Umwami Yesu Kristo. Ni umuhizi ataneshwa. Yatsinze rupfu na kuzimu. [Ivyahishuriwe Yohana 1:18] Dufise n’izindi ntambara nyinshi zo mu mubiri no mu Mpwemu tugiye kurwana kandi tuzozitsinda zose, n’urugamba rwawe rurimwo. Ni muzane imitwaro yanyu yose tuyiduze mw’ijuru maze twese dusenge ubudasiba. Umwami Yesu yamamare!