
UBUTUMWA BGURURUTSE BUVA MW’IJURU BURABA IHANGA RY’ABARUNDI
Imana yinginga Abarundi ngo bihane [AMOS 5:1-17]
Uhoraho Imana Nyene Ubushobozi yongeye gutuma umusavyi wayo ati: Mbgirira ubgoko bganje natoranije bareke kwivanga n’amadini, bareke ibigabitanyo vyabo, bihane bezwe kuko umumarayika w’inkomezi yururukanywe no kugosora. Uri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu Yera abgira ishengero ryatoranijwe.
1.Ni mwumve iri jambo ry’agacurantimba mbavuzeko, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli: 2. Inkumi, ari yo Bisirayeli, iguye bukumbi; ntizokwongera kuvyuka ukundi! Irambaraye ngaho mu gihugu c’i wabo, kandi nta wo kuyivyura ariho!
3. Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, at’ Igisagara catabaramw’ igihumbi hazotabaruka ijana, n’icatabaramw’ ijana hazotabaruka icumi mu b’inzu ya Isirayeli.
4. Kuk’ ukw ari k’Uhoraho abariye inzu ya Isirayeli, at’ Abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho:
5. ariko ntimukabarize i Beteli, canke ngo muje i Gilugali, canke ngo mushike i Beri-sheba: kukw ab’i Gilugali bazokwambukanwa ar’ inyagano, n’i Beteli hazotituka. 6. Jewe Uhoraho abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho; noye kuzosumira inzu ya Yosefu nk’umuriro, nkayitongora, i Beteli hataribuboneke uwo kuyizimya.
7 Yemwe abahindura imanza zigacika umururazi, ukugororoka mukagushiburira hasi,
8 Umwe yaremye inyenyeri zitwa Kilimiya na Oriyoni abe ari we mubaza; ni we ahindura igitutu c’urupfu kigacika agatondo, n’umurango akawuhindura umwiza w’ijoro; ni we ahamagara amazi yo mu kiyaga, akayasendanisha kw isi; Uhoraho ni ryo zina ryiwe;
9. ni we atuma agatikizo gasumira abanyenkomezi, kagashika no ku bihome bikomeye.
10. Banka uhanurira mw ishikiro ry’igisagara, bakazinukwa uvuga ivy’ ukuri.
11. Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.
12. Kuko nzi ibicumuro vyanyu ingen’ ari vyinshi, n’ivyaha vyanyu ingen’ ar’ ibikomeye, yemwe abahahaza umugororotsi, mukarya ingurire, mukazibiranya abakene mu manza muri mw ishikiro ry’igisagara.
13. Ni co gituma umunyamakenga apfa kwinumira mu gihe nk’ico, kukw ar’ igihe kibi.
14 Ivyiza abe ari vyo mushishikara, ariko s’ibibi, kugira ngo mubone kubaho: ni ho Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azobana namwe, nk’uko mwavyibgira.
15 Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.
16 Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize, ari we Mwami, ati Hazoba amaborogo mu nzira zose z’ibihamo, kandi mu mayira yose bazovuga, bati N’ubuyobe, n’ubuyobe! Bazohamagara n’abarimyi ngo barire, n’abazi gucura intimba ngo baboroge.
17 No mu mirima yose y’imizabibu hazoba amaborogo: kuko nzoba nciye hagati muri mwebge, ni k’Uhoraho agize.
18 Muzobona ibara, yemwe abifuza umusi w’Uhoraho! Mbeg’ uwo musi w’Uhoraho muwugombera iki? Erega n’umwiza s’umuco!
19 Erega ni nk’ah’ umuntu yohunga intambge agahura n’idubu, canke yokwinjira mu nzu agashinga ukuboko ku rusika, inzoka ikamukomora.
20 Mbeg’ umusi w’Uhoraho ntuzoba umwiza? Mugira ng’uzoba umuco? Mber’ uzoba umwiza w’umuzitanya, utagira n’agaseso.
HANGA RYERA RY’IMANA, mwitandukanye n’uruvange rw’amadini n’abanyavyaha maze mwihane mwezwe kuko turi mu rugendo. Uwaduhamagaye ni Yesu Kristo, ni nawe yatunganije uru rugenda. Avuze yuko tugire twambuke dushike muri rya sezerano. Umwami Yesu Kristo Yamamare !