Ienekerezo rya 15/01/2022 ni ntibagitana mu buzima bg’Ihanga Ryera ry’Imana. Umunsi w’amashimwe y’Abera.

AMASENGESHO Y’ABERA AHO BARI KW’ISI YOSE YATANGUYE. NI UKWIRIRWA IMBERE Y’UHORAHO TUNEZEREWE DUSHIMA YUKO AGIRE ASHITSE AMASEZERANO YACU.

Nkuko mwabimenyedhejwe, twahawe umunsi w’igenekerezo rya 15/01/2022 kuba umunsi w’amashimwe kuvyo Uhoraho Imana yadukoreye, adukorera kandi agire adukore, Haleluya!
Aho uri hose. Mu rusengero, ku gicaniro,mu nzu iwawe, mw’ikambi y’impunzi, mu nzu y’ibohoro, mu rugendo, ku kanzi, aho uri hose ufate umwanya wo gushima Uhoraho Imana mw’izina rya Yesu Kristo.
Uyishimire yuko uriho, uyishimire yuko wakiriye agakiza kandi uyishimire yuko igiye ku gushitsako amasezerano yawe; n’ikigeretseko yuko igiye gushitsa kubatoranijwe amasezerano y’igihugu n’ayo Ishengero.
Uyu munsi n’umunsi w’intibagiranwa mu buzima bg’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana. Ni umunsi udasanzwe ku bera bose aho bari mu gihugu no mu mahanga. Ukubere umunsi w’intibagiràwa nawe.
Ibikorwa biriko birakurikurana gutya:

  1. Amasengesho y’ukwihana no kwiyeza;
  2. Amasengesho yo gushima Uhoraho Imana yuko agira ashitse amasezerano;
  3. Ukwozanya ibirenge mu mubiri, ukwaturiranira, gusaba imbabazi no guciranira bugufi;
  4. Kwegera Imeza y’Umwami Yesu ari naryo sangira ryera aho hatunganijwe ifunguro ry’abakijijwe gusa;
  5. Ugusangira kwa bose. Abari mu masengero, ku bicaniro no mungo zabo batunganije guhurira hamwe bagasangira. Umwe wese azana ivyo afise bagasangirira hamwe mu rukundo.
    Ivyo vyose kuva ku ntango gushika dusozere, tubikora dushima Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Turavyina, twivuge amazina, tunezerererwe uwo tugiye kwamamaza isi Yose. Muhezagirwe mwese kandi mwishime, Amen!