Ntihagire muri mwebge uwusigara atabatijwe mw’izina rya Yesu Kristo.

IHANGA RYERA RY’IMANA RIFISE AMASHIMWE KUBGA BENEDADA BAKIRIYE UMWAMI YESU BAKABA BABATIJWE

Umubatizo mu mazi menshi canke muri Yorodani ni ikimenyetso ntarengwa yuko uwizera yemeye kugera ikirenge muca Yesu Kristo akaba intumwa yiwe.
Umubatizo ni ukugomba gushitsa ukugororoka kwose kw’Imana Data. [Matayo 3:15]
Mu gihe c’ihamwa babaza yuko umuntu yaronse umubatizo wo mumazi kugira ngo bamuhame kuko ni ikimenyetso to kubabazanwa, guhambanwa no kuziranwa na Yesu Kristo [Abaroma 6:4]
Uwizera Yesu Kristo wese ategerezwa kwihana ivyaha vyiwe, akatura yuko Yesu Kristo ari Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgiwe maze akabatizwa yibijwe mu mazi. Hanyuma akuzuzwa Mpwemu Yera. [Ivyakozwe n’Intumwa 8:6]
Ntushobora kuvuga yuko uri umu-Kristo utabatijwe kandi mwomenya yuko uwizera akabatizwa azokizwa ariko utizera azotsindwa n’urubanza. [Mariko 16:16]
Ntihagire muri mwebge uwusigara atabatijwe, Umwami Yesu Yamamare!