
IMBURI N’UBUHANUZI BIVUYE KU WAJANYWE MW’IJURU AKIBIRWA AMABANGA N’UHORAHO IMANA.
Ncuti namwe bagenzi musoma urubus rw’Ihanga Ryera ry’Imana ndabaramukije amahoro ya Yesu Kristo. Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana ryagiriwe ibakwe ku buryo Uhoraho Imana avugana natwe akaturongora iminsi yose. Iyo dusenze Mpwemu w’Imana arururuka akaganira natwe. Niwe aduhishurira abafise ubuvugishwa bg’ibinyoma n’abavagiwe bagasukiranya ubuvugishwa n’amaranga mutima yabo. Nico gituma duhamagarira umuntu wese kugendera mu muco kuko aturasira ijoro n’umurango.
Ubuhoho yaraduteye iteka kuko hariho beneData batwarwa mw’ijuru bakabarirwa amabanga atomenywa n’uwariwe wese. Kw’igenekerezo rya 18 na 19 Umuvugishwa n’Imana Louiza yatwawe mw’ijuru iyo minsi ibiri yagarutse yabariwe amabanga y’Ijuru, ayo ishengero nayo igihugu. Yazaniye ubutumwa abantu batandukanye kandi umwe wese twaramushikirije ivyiwe, ubu naho tugire tubashikirize ubutumwa bg’Ihanga Ryera ryose. Mumutege amatwi radio Isezerano Internationale hanyuma twese tugire ingendo ibereye abana b’Imana. Umwami Yesu Kristo yamamare.