Twisuganye, tunyegere dusenge iy’indwi 09-16/01/2023

DUTANGUYE INDWI YO KWEGERANYA IVYACU, KWIHISHA MURI KRISTO YESU NO GUSENGERA AHIHEREREYE

Nk’uko Umwami n’Umukiza wacu yabidutangarije mu vyanditswe vyera, iyo dusenga tuje ahiherereye kandi dusenge mu majambo atomiye y’abana b’Imana bazi ico bariko barabgira Uhoraho Imana, nawe azobishura abantu bose babibone. [MATAYO 6:6-7]
Ikindi umuntu wese yizeye Uhoraho Imana yomenya n’uko ata kintu na kimwe iyo Mana y’Ihanga Ryera izokora itabanje kurya akara abayisenga mu Kuri no mu Mpwemu bose. Ni naco gituma iduhamagarira kwisuganya, kwiherera no gusenga urudaca. [ ZABURI 25:14, ABIKOLOSAYI 1:26, AMOS 3:7-8]
Igihe ngiki rero kirageze co gusenga nk’uko tubitegekwa na Mpwemu w’Imana kugira ngo dukingirwe, twibirwe amabanga kandi twishurwe.
Igihe ngiki kirageze co guhabga ikimenyetso co gusanganira Umwami wacu Yesu Kristo.
Uwufise amatwi ni yumve ico Mpwemu Yera abgira amashengero. Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare, Amen!