Ubushikiranganji bg’indero mu Burundi burahangitse.

Bigenda gute ngo igihugu gifise inzego zikwiriye gihangike indero yo mu mashure yaco imyaka n’iyindi ikarengana, leta igatanga uburyo bukwiriye abana ntibige bishemeye kandi hakabaho ibihumbi n’ibihumbagiza vy’abigisha bahembga batabaho imyaka n’iyindi! Akamaramaza nagasanze mu gihugu cacu.


Nk’uko biri mu nkuru yaciye ku rubuga ubushikiranganji bw’indero bwatangaje ko bufise abakozi ibihumbi mirongo umunani (80.000 enseignants)

Muri abo 80.000 harimwo ibihumbi bitatu (3.000) bahembwa badakora, n’abandi 300 bafise matricule imwe, 440 bafise numéro ya téléphone imwe, 570 bafise numéro ya karangamuntu imwe, 40.000 bafise numéro ya compte imwe

Dukoze ibiharuro dusanga ubushikiranganji bw’indero busigarana abakozi 80.000-(3.000+300+440+570+40.000)= 35.690

Muri babakozi ibihumbi mirongo umunani bose (80.000 enseignants) abari kukivi ni ibihumbi mirongo itatu na bitanu n’amajana atandatu na mirongo icenda (35.690 enseignants)

Muti none abo bandi ibihumbi mirongo ine na bine n’amajana atatu na cumi (44.310 enseignants) bari hehe???

Inyishu: Abo 44.310 ntibabaho.

A. Muti yakozwe na bande??
B. Vyagenze gute??

Inyishu

A. Vyakozwe n’abo muri ministère de la fonction publique, hamwe n’utundi tugwi tuva mu bushikiranganji butandukanye kuko ayo manyanga ari mu bushikiranganji nka bwose

B. Mu kubikora babikora uku gukurikira:

Buri mwaka musanzwe muzi ko ubushikiranganji bw’indero butanga akazi ku bigisha bashasha n’imiburiburi abigisha igihumbi. Muri ico gihumbi ministère de la fonction publique ica iha nk’abigisha 200 canke 300 hanyuma abo 700 canke 800 basigaye bakaba abacishwa kuruhande mbere bakitwa ko bari kukivi kumbe ntibanabaho.

Ugasanga ubushikiranganji bw’indero bwama bwatanze ivyegeranyo ko hariho ikena ry’abigisha ariko ugerageje kuraba igitigiri c’abigisha gihari ugasanga barira busema.

Igituma usanga umengo barira busema n’iki gikurikira:

Ufashe ca gitigiri c’abakozi bibaza ko bahari (80.000) ugaca n’imiburiburi umwigisha umwe umuha abanyeshure 60 usanga mu Burundi hoba hari abanyeshure imiriyoni zine n’ibihumbi amajana atandatu (4.600.000 élèves). Harya twakoresheje imvugo ngereranyo kuko harihó n’ishure rimwe usanga rigizwe n’abanyeshure 150.

Aho abiga za kaminuza ntibarimwo

Mu vy’úkuri uca ubona ko igihugu cahatikiriye kubwo kwibwa.

Muti none igihugu coba kihahombera amafaranga angana gute?

Dufashe ko umukozi umwe ahēmbwá make yoba ahēmbwá 250.000 tukagwiza na babakozi 44.310 dusanga igihugu gihomba imiriyaridi icumi n’umwe n’imiriyoni mirongo indwi n’indwi n’ibihumbi amajana atanu : 11.077.500.000Fbu) buri kwezi.

Tutibagiye ko aho abahembwa ayarenga 500.000 Ari nka bose.

None ga muvyeyi wacu Evariste Ndayishimiye ubu wokora ibishoboka vyose aya mahera igihugu gihomba buri kwezi akagaruka mu kigega ca leta ubona twokwirirwa turaja gusinyisha abadandaza ikori ry’umurengera kandi nabo barya ikiremve bacirasheko??

Mw’ibike neza aho ni mubushikiranganji bw’indero gusa. Iyumvire hamwe mubushikiranganji bwose mwobikora uko??

Icishe igihugu cacu uvuze ukuri bakwita umugumutsi, umwansi w’igihugu n’ayandi mazina

Muti none hokorwa iki??

Ivyokorwa ni vyinshi

  1. Ubushikiranganji bwokwimenya mugutanga ubuzi hanyuma ministère de la fonction publique igahabwa urutonde rw’abakozi bashasha babonetse.
  2. Ubushikiranganji bw’indero ni bukoreshe umugwi wigenga utavuye muri bwo canke muri fonction publique bagende mu ntara (muri DPE) basasume abakozi bose DCE par DCE. Bitarenze mu kiringo c’imisi itatu bazoba bahejeje. Ndizera neza ko rapport izotangwa n’uwo mugwi izoba itandukanye gose n’îzó twama twabonye.

Impamvu mvuze umugwi wigenga n’uko iyo hakozwe rusasuma hanyuma ubushikiranganji bw’indero bugaca buyicisha muri fonction publique, haca hakorwa bwabufyitirizi hanyuma ya manyanga akagumamwo kuko nk’uko twabivuze muntango nibo babikoze mbere.

  1. Ni bahagarike barya bantu bose hibonekejemwo amanyanga (abahembwa badahari, abafise numéro ya téléphone imwe, abafise numéro ya karangamuntu imwe, abafise numéro matricule imwe, n’abafise numéro ya compte imwe) hanyuma uwariwe wese azoze araza kwiyandikisha mu biro vy’umushikiranganji w’indero azanye ikite risinyweko na Directeur w’ishure akorerako, na DCE muri commune akoreramwo hamwe na DPE wo mu ntara akoreramwo

Nivyagenda gurtyo amanyanga azogabanuka.

Ubu butumwá turasavye bushike kure hashoboka igihugu cacu kireke kuguma cicwa n’abogikijije