
Umupolisi Jérôme Niyonkuru araye ijoro rya kane mu gasho muri PJ. Bibiliya yiwe n’akadarapo agendana barabimwatse.
Uyu musi inyuma y’umutaga Caporal de Police Chef Jérôme Niyonkuru yarengutse irya mbere imbere y’inyamiramabi (OPJ) kuri Police Judiciaire (PJ). Bwari ubwambere arengutswa kuva afashwe ku wagatanu uheze. Jérôme Niyonkuru yanditsweko icaha co « gutyoza inzego z’igihugu ». Bamubwiye ko ejo azoja kuburana ariko ntibamumenyesheje aho azoburana nk’uko twabimenyeshejwe na bamwe mu nzego z’umutekano.
Abipfuza gushigikira umuryango wa Caporal-chef Jérôme Niyonkuru mushobora guca kuri Ecocash : (+257) 71 548 639. Iyo nomero yanditswe kuri Niyonkuru Jérôme.
Ifatwa rya Jérôme Niyonkuru ryagenze gute ?
Caporal-chef Jérôme Niyonkuru yafashwe ku wagatanu uheze (4.8.2023) ahejeje gutanga ubutumwa ku bapolisi bagenziwe ko bohagarika kurya ibiturire kubera Imana itemera abarya ibiturire. Umwe mu babikurikiranye yaduhaye ido n’ido ryavyo :
« Ahajeje kuvuga ubutumwa baciye bamufata bamwuriza imodoka y’igipolisi, bamucungisha abapolisi batatu, bamujana ku bitaro vy’abagwaye mu mutwe benshi bita kwa Legentil kugira bamusuzume ko yoba akomeye. Bagezeyo, kubera abaganga bari bamaze kumenya ayo makuru yiwe, ntibavyitayeho ivyo kumupima. Abamujanye bahava bararambirwa basubira inyuma. Bamushikanye mu gipolisi, baramwatse ibikoresho vyose vy’akazi, hanyuma bamwinjiza agasho kuri PJ. Ico gihe ntibamweretse umutahe umufata kandi ntibamubwiye icaha yakoze. Mwomenya kandi ko abamufashe bamutwaye Bibiliya yiwe be n’akadarapo yahora yama agendana. Ku bijanye n’akazi, kugeza ubu nta canditse kirasohoka kumwirukana mu gipolisi. Uyu musi inyuma y’umutaga niho yahavuye yumvirizwa na OPJ aca yandikwako gutyoza inzego z’igihugu. Ariko ni nde atazi mu Burundi ko abapolisi barya ibiturire ? Abategetsi bamaze kubivuga bangana gute ? »
Inkuru y’ifatwa rya Caporal-chef Jérôme Niyonkuru irababaje abarundi benshi mu mihingo yose y’isi. Ni benshi babandanya kutwandikira ko bipfuza kumufasha. Ijambo yavuze ni abarundi benshi baryiyumvamwo kubera baruhijwe n’ibiturire.
Imana ibandanye kumurinda.
Inomero ku bashaka gushigikira umuryango wa Jérôme Niyonkuru :
Ecocash : 71 548 639 yanditswe kuri Jérôme Niyonkuru.
Lumicash : 69 971 056 yanditswe kuri Jérôme Niyonkuru.
Uko abantu bo vyita kwose n’amategeko bovuga ngo barakurikiza yose, igihugu cacu gitunganijwe nabi kuva mu mitima yabantu gushika mu butegetsi bgabo.