« Mwirukane abenegihugu muzane abanyamahanga bafise amafaranga » ni ingingo zo gutema ishami uryicayeko

Ubutegetsi mugusenyuka, hakoreshwa ababurimwo, bakaza barafata gihuti huti, ingingo bazi nezako arizo gutoteza umuntu muto.

Intumbero yizo ngingo kuba ari ukugira abenegihugu baje mumwiheburo, kugira umwe murabo ariko arafata izo gingo ababgiye ati ja mwibaraba canke fata ibigwanisho, dukureho abo babarenganya bace bavyumva ningoga

Ndabira nkibi:

  1. Uwo mushikiranganji araziko RETA ipangiye abakozi bayo, ntarubaka n’inzu RETA yokoreramwo kandi uburyo arabufise.
  2. Uwo mushikiranganji, arazi ikibanza ca RETA aha i Bujumbura, kirenza 17 Ha, kipanzwe numuntu ariha 1750Fbu kumwaka. None aho hubatswe inzu zigana gute, za RETA canke uburaro bg’abenegihugu?
  3. Ajejwe inyubako ariko ntabonako ikibanza cahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hari muhihutigwa kwubakwa, kandi ariho hotanga ishusho nziza y’igisagara
  4. Ahahoze ikibuga FFB yoba yarahejeje kuhubaka?
  5. Murabe ahantu hubatswe Ministère ya défence, Minisanté, stelle matutina, athénée primaire, campus Rohero, campus, Tropicana….none ivyo sibibanza vya RETA yoherako?

Ariko Rindira turabe ayo BUYENZI, BWIZA, JABE, NYAKABIGA…bagiye kubona

  1. Ntagihe kinini cari bgahere RETA ivuzeko kizira kikaziririzwa ko umunyamahanga agura itongo mu Burundi
  2. Uyu mushikiranganji nawe aheruka guhabga agashimwe n’umukuru w’igihugu ati nukurondera abagwizatunga bomumahanga bokwubaka ibibanza abenegihugu bananijwe no kuvyubaka
  3. Kugira wubake ahariho hose… Utora plan muri OBUHA…ivyo ntiyari bibi
  4. Uca werekana devis, nukuvugako werekana amahera uzokoresha mukuyubaka uko angana
  5. Bivugwako amahera yoba ashika 5%, yayo uzokoresha mukwubaka uca uyatanga kugira baguhe baguhe autorisation de bâtir
  6. None nkubu warufise inzu ubamwo mu Buyenzi, annexe ukaba uyipangishije 100mille, nakakubgirako wubaka inzu iciye umuriyaridi….uzoca utegekwa gutanga 50 000 000 kugira uronke autorisation yokwubaka
  7. Ayo mahera ntaho uzoyakura, uzofatwa nkuwananiwe, bazoca bahaha umutunzi, canke umunyamahanga ayafise

Ubutegetsi bgiza bushira imbere abenegihugu bukabafasha gutera imbere nti bubigizayo ngo bugurishe igihugu kubifise.