Amakosa 10 yagirizwa Président Evariste NDAYISHIMIYE.

Hariho Abarundi bakunda umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE. Mugabo nk’uko nawe nyene avyivugora, hariho n’abandi bamutorako amakosa muvyo akora n’ivyo avuga. Hari uwagize ati none ntafise abamuhanura bo muyagira ayavugwa, uwundi yagize ati haraho mwoca mubipfa ugahitamwo kwihorera. Amakosa 10 bamwagiriza rero ni ibi:

  1. AFISE IBISHOBISHO BIRENZE

Umukuru w’igihugu canke uwundi muyobozi wese abikwiye, ntakwiye gushira ahabona ibishobisho vyiwe. Haba mu mvugo canke mu ngiro. Iyo bimeze uko, kenshi vyerekana ubwoba afise. Kutigirira icizere, tutibagiye kwerekana inguvu n’ubushobozi buke bimuranga mu kazi kiwe.

  1. KUDAFATA INGINGO ZIKENEWE KU GIHE

Umukuru w’igihugu adafata ingingo zibereye mu kanya zikenewe, ntaco aba amariye ico gihugu ayoboye. Ahubwo n’icago kidasanzwe. Bwa bwoba buranga NEVA, nibwo bwamugize igikanganyoni mu kibanza arimwo. Ni naco gituma avuga amajambo menshi kurusha ibikorwa vyo mwitirirwa. Ahandi, abakuru b’ibihugu biyubashe, bakwiye ico cubahiro, bavugisha amaboko kurusha umunwa. Ngira nico gituma bamutaziriye Kirogorogo.

  1. KUGANZWA N’UMUGORE WIWE.

Umugabo w’inganzwa ntanarimwe aba atekanye mu mutima canke mu mutwe. None yoyobora neza i gihugu gute? Neva iyaba yoshoboye kuhabera Umugabo abushitse, yotanze imihoho, agakinjura k’ubutegetsi bw’igihugu. Kuko iryo Shiga ryiwe rishobora kumukwegera akarambaraye, akabura imbwa n’imbwebwe. Araja muri kahise katari akakure cane, yiyibutse aho abatambukanyi ba Ben Ali (Tuniziya), Robert Mugabe (Zimbabwe) canke Ferdinand Marcos (Philippines) bashikanye ubutegetsi bw’abanega babo!

  1. KUDAHA AKAZI ABAGAKWIYE

Kuyobora igihugu, s’umukino nka kurya abantu bakina ikibuguzo, amakarata canke batera agapira. Bisaba kuba ufise abahanuzi b’ijunja n’ijambo, bakunda i gihugu n’abakibamwo, bikura ijambo batariye umunwa. Umuyobozi adakikijwe n’imvugakuri, asa n’igitutu ciwe cibereye aho gusa. Uwo ni Neva ku gasozi. N’iwe yihera akazi abagenzi b’umuryango wiwe gusa. Ataravye ubumenyi n’ubushobozi bwabo. Adatandukanije ubuzi bwa poritike n’ubuzi bw’ubuhinga. Ingaruka yavyo, n’aha u Burundi bugeze unomusi.

  1. KUDAHA AGACIRO ABO BAKORANA.

Munyifato yiwe, NEVA afise ubunenge bukunda kugira abakeha bwenge benshi. Ntazi kwicisha bugufi. Ntazi kumviriza umuntu ngo ategere neza ivyo amubwiye. Canke ngo yishire mu kibanza c’abandi, kugira arabe ingene yotorera inyishu ibibazo bibahanze. Nuko adasiba gutuka abategetsi bamwe bamwe k’umugaragaro, yishavuje, imbere yabo batwara, ababwirako akazi kose bajejwe, agiye kukikorera! Mwumva aratahura neza amabanga ajanye n’intebe avyagiyemwo? Ntakuntu na kumwe yoba umutegetsi mwiza yitwara uko.

  1. GUKUNDA AMARONKO KURUSHA IGIHUGU.

Kuyobora igihugu n’ibanga rikomeye, utegerezwa kubangira ingata. Bikenewe uracigura. Vyanka, ugatanga imihoho, kugira ntubandanye uba isoko ry’umwaku n’akaga mu gihugu. Muri bwa bujuju bumuranga, Neva yironderera amaronko yiwe gusa n’umuryango wiwe. Ninavyo bimutuma agaya abarundi bimwe birenze urugero. Ukamengo abamwumviriza n’abamuraba, nibo batagira ubwenge! Amatongo y’ikebera mu gihugu cose, kenshi akoresheje igitugu, amazu agura mu gisagara ca Bujumbura muma miriyari atarazwe na se canke yatsinze muri LONA, akayagura atumye abandi bantu bamwegereye, amahera atoza ku nguvu mubikorera utwabo, abarundi canke abanyamahanga bakeyi basigaye bataromoka, birasigura neza ubusambo bumuranga. Ubu atunze kurusha inzego zose z’igihugu ziri hamwe. Hari uguhemuka gusumba uko?

  1. NTA MUBANO MWIZA AFITANIYE N’AMAKUNGU

Kuva yaramutswa igihugu, Neva yariyugaranye mu Burundi, nka kumwe kuwahoze ari Sekuru, aherutse kwikokomora. N’ubwo akunda gufata ingendo hanze y’igihugu, ni gake cane amaze kuja mu gihugu bamutumiye, kugira banagure canke bakomeze umubano mwiza hagati y’u Burundi nico gihugu. Aja mu manama batumira ikivunga abakuru b’ibihugu, nawe arimwo. Cokimwe nabitwa ko bagendeye u Burundi. Abandi baza kunyungu zabo, kenshi zidahuye neza n’izacu nk’abarundi. Bidasigura ko baba bashigikiye reta ya Neva.

  1. KUGAYA ABARUNDI N’UKUBACURIRA.

Igihe Neva yafata i gihugu, yazanye icivugo gitangaje, « reta vyeyi, reta nkozi. » Arongerako ati « umufuko wose uronke amahera, umunwa wose uronke icurya. » Umuntu aravye agaheza u Burundi bugezemwo, Neva akaguma acira izo nkonda imbere y’abarundi bigorewe ay’ikivumvu, umuntu abisomamwo akagaye katagira izina. N’ugucurira abarundi bishwe n’ubukene, inzara n’agahinda, bitewe ahanini n’ubutegetsi bubi bumaze igihe. Niyo abarundi bose bopfa bagahera, Neva n’abiwe bagasigara, biraturaba twenyene. None tuzokwiyahura tubona gushika ryari? Asigaye abwira abarundi ko turi ibijuju, yaheza tugakoma amashi. N’inde yaturoze kweri?

  1. KUZINGAMIKA INZEGO ZOSE Z’IGIHUGU

Umuntu aravye ubukene, imyikomo n’agahinda biranga inzego nkuru z’igihugu, yokwibaza iyo u Burundi bugana, mugihe cose Neva azoba aburamutswa? Haba munzego z’Ubutungane, Igisirikare, Igiporisi, Igendereza, Reta, Inamashingamateka, Nkenguzamateka, tutibagiye mu bimenyeshamakuru, vyaba ivya reta canke ivyigenga, vyose bimeze nk’igiti catewe n’umuswa. Neva abikora nkana, yabiteguye. Ivyo abikora kugira izo nzego ntizimushengeze canke ngo zisubize Ibintu mu buryo. Abari murivyo bisata bihambaye mu buzima bw’igihugu, ntaho bataniye n’abandi barundi isinzi babuze ayo bacira nayo bamira, kubera ubwo butegetsi bubi, budashoboye kubaka ikintu na kimwe kizima, kirama. Ubutegetsi bubesha ngo bwashize imbere Imana, kandi umengo bwihaye Sekibi.

  1. GUHEBERA MU MVUTO NOMU BUHUNGIRO, ABARUNDI ISINZI.

Abarundi batari musi y’umuriyoni, ubu babarizwa mu mvuto ataco bazira, mu buhungiro hanze y’igihugu, canke barataye akaranga kabo nk’abarundi, bitorera kwibera inyuma yicabibarutse, imisi yose basigaje kw’isi. Ako n’agahombo kadasanzwe ku Burundi. Nyaburya murabo bantu, hagwiriyemwo urwaruka n’izindi ncabwenge zikomeye. Bamwe bashobora guterera agacumu k’ubumwe, mubijanye n’ukubogora u Burundi, abarundi bagasubizwa izina n’iteka mu makungu.

Umuntu abiravye neza, ikosa ntirikiri irya Neva n’abo bafatanije mu gucura bufuni na buhoro igihugu cacu n’abakibamwo. Ibintu bibandanyije uku, tuzoba twakunze aya mahano reta ya Neva yadushizemwo. Hariko hararengerana cane ko u Burundi butabagwa. Ntihagire rero uwo dusubira gutako ishavu.