
Imvúgo y’Ubwami🇧🇮
- Amaso y’umwami:Inyonga
- Amaguru:inyundo
- Inyo:Inguri
- Umwami asuze: arasanuye/arosheje(kwosa imibávu)
- Inzanyi:Umurisho
- Afunguye:kunogera
- Yihaye ishano:yihaye ubuki
- Igitsina c,umwamikazi:Ingoma/Igisabo/Umunimbo
- Inzu:Ingoro
- Itongo:Icanya
- Murugo:Ku nama
- Munzu :intangaro
- Ideruzo/Imodoka:Amaceri
- Uburiri: ikigwa
- Umufasha wiwe:Umwamikazi
- Abana:abaganwa/abaganwakazi
- Aho avyagira:Ingoma
- Abamuhereza ibifungurwa bakamufasha kwakira abashitsi:Abakevyi
- Abakozi:Abakamyi/Abakamisha
- Abararika ibikorwa:Abamotsi
- Umwami avuze:aravumereye
- Inkoho y,umwami ‘Icumu,Umuheto,ingangúra
- Impuzu y,umwami y,urubanza:Inyambarabàmi
- Uwucura abashitsi kandi mukuru:Mujawibwami
- Abanya mu nzira umwami acamwo:Abazibirangoma
- Ingoma yamuherekeza:kagenda
- Ingoma yanihirira Ku kirimba:Rukinzo,
- Gusikura ibwami: gutaka,gutanaga,
- Intanage:yarambara kandi imiringa,ibirezi,ibihete,akisiga agahama n’amavuta y’inka kugira ase neza, naho yaryama kukirwa barahasiga imibávu kugira hamote neza
- Umwamikazi Ariko aratambuka:gushaza uruyonga,guhwinya,guhiba,kudimadima,gushaza..
- Abaganguza b,umwami nigendereza:Abapfumu.
- Intoke z’umwami: inkenkanya
- Amaboko: imirisho
- Uburiri: ikigwa
- Umwami asovye: igikunga kirahuze
- Gusura: gusanura
38.iyo umwami arize: umwami arikanye
39.iyo umwami agiye mu kazu ka sugwumwe: umwami agiye gupfuka ibirenge
40.umwami ariko ararangura amabanga y’abubatse: bavuga ko ari mu ruhigi. - Kuja ibwami: gushengera
- Kwica umwami: kugesera)kunenja
Murashobora kutwunganira.
Vyanditswe na Fulgence Umuziko