Twigishane ikirundi c’ibgami


Imvúgo y’Ubwami🇧🇮

  1. Amaso y’umwami:Inyonga
  2. Amaguru:inyundo
  3. Inyo:Inguri
  4. Umwami asuze: arasanuye/arosheje(kwosa imibávu)
  5. Inzanyi:Umurisho
  6. Afunguye:kunogera
  7. Yihaye ishano:yihaye ubuki
  8. Igitsina c,umwamikazi:Ingoma/Igisabo/Umunimbo
  9. Inzu:Ingoro
  10. Itongo:Icanya
  11. Murugo:Ku nama
  12. Munzu :intangaro
  13. Ideruzo/Imodoka:Amaceri
  14. Uburiri: ikigwa
  15. Umufasha wiwe:Umwamikazi
  16. Abana:abaganwa/abaganwakazi
  17. Aho avyagira:Ingoma
  18. Abamuhereza ibifungurwa bakamufasha kwakira abashitsi:Abakevyi
  19. Abakozi:Abakamyi/Abakamisha
  20. Abararika ibikorwa:Abamotsi
  21. Umwami avuze:aravumereye
  22. Inkoho y,umwami ‘Icumu,Umuheto,ingangúra
  23. Impuzu y,umwami y,urubanza:Inyambarabàmi
  24. Uwucura abashitsi kandi mukuru:Mujawibwami
  25. Abanya mu nzira umwami acamwo:Abazibirangoma
  26. Ingoma yamuherekeza:kagenda
  27. Ingoma yanihirira Ku kirimba:Rukinzo,
  28. Gusikura ibwami: gutaka,gutanaga,
  29. Intanage:yarambara kandi imiringa,ibirezi,ibihete,akisiga agahama n’amavuta y’inka kugira ase neza, naho yaryama kukirwa barahasiga imibávu kugira hamote neza
  30. Umwamikazi Ariko aratambuka:gushaza uruyonga,guhwinya,guhiba,kudimadima,gushaza..
  31. Abaganguza b,umwami nigendereza:Abapfumu.
  32. Intoke z’umwami: inkenkanya
  33. Amaboko: imirisho
  34. Uburiri: ikigwa
  35. Umwami asovye: igikunga kirahuze
  36. Gusura: gusanura
    38.iyo umwami arize: umwami arikanye
    39.iyo umwami agiye mu kazu ka sugwumwe: umwami agiye gupfuka ibirenge
    40.umwami ariko ararangura amabanga y’abubatse: bavuga ko ari mu ruhigi.
  37. Kuja ibwami: gushengera
  38. Kwica umwami: kugesera)kunenja
    Murashobora kutwunganira.

Vyanditswe na Fulgence Umuziko