Igihugu c’Uburundi gikwiriye gutunganywa gushasha igiturire kikomorwa.

Inyifato nkiyo irerekanako abazotera u Burundi ntibazinjirana ibigwanisho, bazinjira babisanga mu gihugu.

Hari n’ibindi bikogwa nabapolisi bagiye gusaka mu mazu:

  1. Iyo basanze umuntu atanditswe muri kagakaye, ukaba ufise 10mille ntibirigwa baramusohokana.
  2. Iyo utevye kuyatanga bakamusohokana, ashitse aho barindirira kugira babinjize mumuduga, utanga 20mille
  3. Bashitse bakakuramutsa, bagusa akayi, ubahaye 10mille, ntibirigwa barasaka, ntanagakaye bakubaza

Abapolisi bagize imikwabu y’abadafise karangamuntu imodoka zose bakazihagarika. Uwufise karangamuntu akabanfanya, utagafise agatanga 5.000Fbu. Utataronse bakakujana. Igihugu kirwaye impande zose, turakwiriye kwivyukiranya akabi katwinjiranye.

Mukomeze gusenga, dutunzwe n’Imana