Irabire amazu bagiriye rusansuma mu 1971 hanyu mu 1972 beneyo bakicwa uretse abaciye mu rw’imbga kazi bagahunga, bose ivyabo bikanyagwa urukombamazi. Impfuvyi n’abapfakazi bagasigara bipfumbereje. Aka gatabo k’impapuro 67 kanditsemwo amazina y’abantu banyazwe amazu, imiduga n’ibindi hakurikijwe intara, ama komine, amazone n’imitumba mu bidahara no mu gihugu hagati.
Abategetsi b’Uburundi aho gufata ibintu mu minwe ngo bubakire ku kuri ibintu vyose babishire mu kuri kuko ukuri kubohora baca birondera abahanuzi bataribo babasuka.
Hari uwanditse ati umuntu wacu ari ku butegetsi akaryoherwa n’ibirori niko bigenda. Aca arondera abamuryosharyosha babahanuzi ico bamubariye kikaba ico. Bagize bati:
1. Mu Burundi nta moko ahari nawe abisubiramwo uko nyene.
2. Abakoze ihonyabgoko barashaje nawe abisubiramwo uko nyene.
3. Ihangiro rya Leta yanyu si ukwemeza ihonyabgoko nawe abishikiriza uko nyene.
4. Fata Bunyoni niwe akorana n’aba FDRL, yanyegeje amafaranga, igitoro, isukari, ifumbire,… baramwimba mpaka bamwishe canke bamushize mwibuye.
5. Aba (déplacés) impuzi z’imbere mu gihugu ntaco zishe, abahungiye hanze nibo bavamwo imirwi itera igihugu, bibagira yuko aba déplacés aribo bakorana na sinduhije, bakiruka ku mpunzi ziri hanze.
Intwaro zacu umengo zifise ikirengeti ku maso ntitugomba kubona ukuri ngo tukwicarire gukize igihugu. Abantu beza bashobora kugira akamaro bigizwayo umwe wese akazana uwiwe bataravye ineza y’igihugu