Abarundi bagiye gushikirwa n’ivyo batinya kubera bataye Imana bakayivuga ku munwa gusa.

Uhoraho Imana yo mw’ijuru n’Imana itameze nk’izindi mana zizwi mw’isi. Yo ni Imana Uyivuze mw’izina yumva ikumviriza ico ugira uvuge hanyuma ikakwishura.

Abarundi icaha ca mbere bakoze n’uko bama bayivuze bakayivuga ku karimi gusa kandi ntihagire n’amajambo meza bavuga. Bakavuga yuko bayishize imbere mugabo bakayihakanisha ibikorwa vyayo. Ico ni icaha abarongozi bakoze kandi kigiye gutuma Imana ikubita abungere maze intama zisanzare. [Matayo 26:31]

Ivyaha bindi bikorwa n’abategetsi b’igihugu ni ubusambanyi, ukuragiza, ukurogana, ubusuma, ukwimbana mu mizi, urwanko, ugusukana, ukwipfurizanira ibibi n’ukubesha abenegihugu ngo babitayeho kandi bitayeho inyungu zabo gusa.

Ng’ivyo ivyaha bikuru bikuru Uhoraho Imana agira abahore kubera yuko banse kubiheba ngo bihane.