
Agataka ka Isirayeli kamye kabamwo Abayuda kuva mu myaka yi 2000 imbere yuko Yesu Kristo avuka (IK). Imana niyo yabahaye aho kuba kuv’ico gihe.
1900 IK: Aburahamu yatoranijwe n’Imana ngo abe se w’iryo hanga.
1900 IK: Isaka, Umuhungu wa Aburahamu yabaye umurongozi wa Isirayeli.
1850 IK: Jakobo, umuhungu wa Issac, aba umurongozi wa Isirayeli.
1400 IK: Mose akura aba Isirayeli muri Egiputa abasubiza iwabo muri Isirayeli.
1010 IK: Umwami Davidi yunze imiryango 12 y’Abisirayeli abagira Ihanga rimwe.
970 IK: Umwami Solomo, umuhungu wa David, yubatse urusengero rwa mbere rw’Abisirayeli I Yersalemu.
930 IK: Israyeli yagabuwemwo ubgami bubiri, ubgami bga Isirayeli n’ubgami bgi Buyuda.
800 IK: Hahagurutse abahanuzi bafise ubutumwa bg’Uhoraho Imana.
722 IK: Ubgami bg’Abisirayeli bunyagwa n’aba-Assyria.
605 IK: Ubgami bg’Abayuda bunyagwa n’abanye Babuloni.
586 IK: Urusengero rwaSolomo rwasenyuwe n’abanye Babuloni.
539 IK: Abanye Perse banyaga ubgami abanya Babuloni kandi bihagira na Isirayeli.
538 IK: Abayuda basubijwe muri Isirayeli bavuye mu mahanga.
520 IK: Urusengero rwasubiriye kwubaka I Yerusalemu.
450 IK: Ezra na Nehemiya baranaguye ibitari bike.
433 IK: Malakiya asozera imyaka y’ubuhanuzi.
432 IK: Umugwi wanyuma w’abayuda utaha uvuye mu mahanga.
333 IK: Abagiriki bihagira inganzabami y’abanya Perse.
323 IK: Inganzabami y’Abanyegiputa n’Abasiriya yihagira Isirayeli.
167 IK: Aba Hasmoni bihagira Isirayeli, Abayuda barongorwa kwabo.
70 IK: Aba Romani bihagira Israyeli.
20 IK: Umwami Herodi yubaka urusengero ubugira gatatu.
6 IK: Yesu Kristo avukira i Betehemu. Imyaka iharurwa Yesu Kristo Aravutse(KA)
70 YA: Aba Romani basenyura urusengero.
Inyuma y’aho, hari abajanywe nk’inyagano n’Abaromani, aba Byzantine, ab’Arabu, n’intambara z’imisaraba zakozwe na kiliziya Katolika; mugabo muri isirayeli bagumye bahaba gushika mu mwaka wi 1948 (YA) ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryemeje igihugu ca ISIRAYELI, Ihanga ry’Abayuda.