
Abategetsi b’ubu bigenza nka « Société Civile » canke « Opposition Politique » ntibazi ico bajejwe. Ils dénoncent l’injustice sociale et les détournements kandi aribo nyenye n’imiryango yabo babikora kugira ngo bahume amaso Abarundi.
– Nyakwigendera Jérôme Ndiho yavuga yuko turwanya igisoda c’ubgoko bumwe, yari imvugo « Langage politique acceptable » mugabo muvy’ukuri twarwanya akarenganyo «L’injustice sociale »
None itandukaniro hagati y’intwaro zacu na za ntwaro twagwanije, n’uko barya bari abatutsi natwe tukaba turi abahutu, ivyo gusa! Hamwe twonezerwa vyonyene n’uko dutwarwa n’abahutu bakaba aribo baducura bufuni na buhoro bakica, bakiba, bakangaza, bakarenganya… tukabireka uko twoba turi « Des traîtres ni moins ni plus »
Uburundi burakeneye abagabo n’abagore bavuga ukuri kandi bakakugendera, abahungu n’abakobga bakunda umurundi wese bakamubungabunga ntihagire uwusubira kwicwa kubera yanse kubabera igitwazi. Aho niho Abarundi tuzokwikukira.