
«Abarundi twese dusenge cane twirukane idayimoni ibuza iterambere ry’uburundi kuko iyo habonetse akantu kose kotuma dutera imbere, haca haza izindi nguvu ntazi zica zibuza (…) iyo poroje ica ipfa, igaca ihagarara . Nkubu ntimubona ko turiko twirukanga ngo Nickel dutangure exploitation yayo, umuyagankuba Rusumo Falls ntiwaje? Harya muzoza mubona izindi nguvu zivuze ziti stop ntahomuja! Tudasenze rero ntibikunda» Niko Perezida Ndayishimiye yabwiye abari bitabiriye ivyo birori vy’umwaka wagenewe umutangakori. Abasenga Uhoraho Imana n’abavugishwa bobo s’uko babibona yuko ari abadayimoni ahubgo Uhoraho Imana niwe yimanukiye gutondeka ibidatonze, kuzibirira imigisha abanyakibi bikumakumirako vyose gushika ashikije isezerano ku gihugu c’Uburundi. Kwitirira ibikorwa vy’Imana abadayimoni ni igicumuro ciyongera ku bindi n’abatozakori sibo basengera igihugu. Ngo ko mwanse kwihana inkota y’Imana izokubita birya nyene mw’ishimiriza vyose, yongere iririke n’abana banyu [Ezekiyeli 21:3]