Abategetsi b’igihugu c’Uburundi bahisemwo kubesha kugira ngo bahumurize abenegihugu aho gutuma bihorera

Vyose vyatanguriye mu kigege c’igihugu aho ubugenduzi bg’ikigega mpuzamakungu bgagirine umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye kuba ariwe yasahuye amafaranga mvamakungu y’igihugu. Ukwagiriza ico caha rikaba ryakurikiye ihindurwa ry’inoti z’igihugu c’Uburundi. Yagirijwe ubgo busuma, hakurikiye ipfungwa ry’umukuru w’ico kigega c’igihugu. Inyuma y’ibura ry’amafaranga y’agaciro n’amafaranga mu gihugu, ntihabujije yuko Abarundi baguma babona ingendo zitwara uburyo bginshi z’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, mbere n’izumukuru w’igihugu we nyene n’abamugendanira.

Ivyo vyose bikurikirwa n’inzara y’ibifungurwa yibonekeza mu gihugu cose kuko ibisumwa bizimba cane canke bikanabura. Si ivyo gusa, igitoro kirabura mu gihugu cose, ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO rirugara, ishirahamwe rihingura ibizuku ONATOUR rirugaye, abantu bafise n’ivyo guteka barabura n’aho bagurira amakara.

Abantu bagiriza umukuru w’igihugu yuko aho gufata ingingo zibereye ari wa muntu aguma yidoga nk’uko womenga akora mumashirahamwe adaharanira inyugu za politike canke nk’uko umengo n’uwo mu migambge irwanya umugambge uri ku butegetsi nk’uko atazi ico ajejwe. Ikindi giteye amakenga n’uko intwazangabo itwara ihonguriro SOSUMO yemeza yuko iryo shirahamwe ritahagaritswe n’ivyuma vyapfuye, ngo ryahagartswe n’imvura yabaye nyinshi kandi ko abantu batogira ubgoba ngo kuko bazoguma babazanira isukari mvamakungu. Bati none ko igihugu atamafaranga y’agaciro ahari iyo sukari avuga azokura hanze azoyigura iki! Bati ko dufise amafoto yerekana ibimashini vy’iryo hinguriro atwara vyapfuye, abesha ngo bimwungure iki canke vyungure iki igihugu! Bati ko dufise amafoto yerekana imirima y’ibikaju yatwawe, ubgo iyo iba urugo rwiwe rwari gutwarwa n’umuvo ntiyari kuba yarukingiye! Ibinyoma bavuga ngo ni vyinshi mur’iyi nkuru. Kuber’iki ibikorwa vy’amahinguriro nk’aya bitazezwa abantu bavyigiye, babifitiye ubuhinga kandi bazi bakanakunda ivyo bakora!

Ibikorwa vy’ihinguriro ry’isukari SOSUMO vyarahagaze nk’uko vyemezwa n’abashikiranganji babiri, uwujejwe uburimyi hamwe n’uwo ubudandaji. Basigura ko vyavuye ku mvura nyinshi iriko iragwa muri ino minsi yatumye imirima y’ibikaju itwarwa. Babishikirije, kuri uyu wa mbere, bariko barishura ku makenga y’abashingamateka bibaza ko hoba hari icinyegeje inyuma.

Umushingamateka Pascal Gikeke yabajije umushikiranganji ajejwe uburimyi ati : « Nyakwubahwa mushikiranganji muri SOSUMO ibibazo bihari ni ibibazo nyabaki? Umuyobozi mukuru ayirongoye yaravuze y’uko bahagaritse ibikorwa kubera imvura. Ubwo koko ni kubera imvura yatumye isarura muri SOSUMO rihagarara canke hari ikindi coba cinyegeje inyuma? »

Prosper Dodiko yishuye yemeza ko imvura ariyo yabujije iyimbura ry’ibikaju kubera ko imashini zica zinyika, zikabura uko zibandanya. Ku ruhande rw’ubudandaji, umushikiranganji ajejwe ico gisata avuga ko ababishoboye barekuriwe kuzana isukari bayikura hanze y’igihugu. Marie Chantal Nijimbere asigura ariko ko haca haba ikibazo c’amafaranga mvamakungu.