Ishirahamwe ry’Abarundi baba mu makungu “Diaspora Ndundi”ryidogeye umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.

Mu rwandiko rw’impapuro zine iryo shirahamwe ry’Abarundi baba hanze, baneguye umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yuko atabakoresha inama, iyo yakoresheje yo ku mihora nayo yabaye imvo yo kwikurayo kuko itagira intumbero.

Mur’iryo kete ryateweko umukono n’indongozi 8 ziserukira Abarundi b’ishwi bari muri Amerika, Ubgongereza, ubutaliyano, Kenya, Ubufaranda, Ubu swedi, mu Scotland na Canada; bavuga yuko (1) abima ijambo; (2) ahonyanga amategeko y’ishirahamwe ryabo kandi akabaryanisha.

Ubushikiranganji bg’imigenderanire no gufashanya n’ayandi makungu burakwiriye kugira akigoro ko guhuza Abarundi bose baba mu mahanga no kubakundisha igihugu cabo c’amavukiro kugira ngo bose bahurire kw’iterambere ry’igihugu.