Ugire ukwicisha bugifi bizotuma ushirwa hejuru

« Nuko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw’iz’ ibashire hejuru mu gihe gikwiye.
1 Petero 5:6″.

Mubushake bw’Imana yipfuza gushira abantu hejuru.N’uko twavutse biratwigisha,umuntu avuga ari muto,agakura gahorogahoro,kugeza igihe aba umuntu wo gutumwa ijambo.N’ubwo nabwo ni bumwe muburyo bwo gushirwa hejuru.

Ariko rero,n’ubwo Imana yipfuza kudushira hejuru(kuduteza intambwe),guca bugufi vyo n’amahitamwo y’umuntu.Ikitari amahitamwo,
n’ugushirwa hejuru,kuko ni Imana ibikora,niyo womenga n’abantu baba babikoze,burya aba ari Imana.

Bibiliya ivuga ko Yesu yicishije bugufi,araganduka mbere gushitsa no kurupfu rwo kumusaraba,ngo nico catumye Imana imushira hejuru.Imana rero niyo ishira hejuru,uruhara rw’umuntu n’uguca bugufi.

Gusa,benshi batahura ugucabugufi ukutariko.Gucabugufi kwiza kugizwe no kwumvira Imana,canke abantu(iyo batagusavye gukora icaha).Gucabugufi kwiza s’ukureka abantu bakaguhonyorako,
s’ukugenda wunamye,si nokwigira umunyantegenke canke guhakana ubuntu Imana yagushizemwo.

Gucabugufi kwiza harimwo kwemera ivyo ushoboye,ariko ukagaragaza ko vyose ari ubuntu bw’Imana,atari wewe wabikoze.Gucabugufi kwiza harimwo kurwanirira uburenganzira bwawe,ariko utarengeye akarimbi abandi canke ngo uve mumurongo w’ijambo ry’Imana.

Umuntu aciye bugufi ntiyerekana ko ari igitangaza,ko arenze abandi mukintu ico arico cose.Ntarondera gukora ibintu ngo abantu bamushireko amaso,bamubone,
bamushime.Umuntu aciye bugufi arondera icubahiro c’Imana muvyo akora vyose.

Ben’uyo muntu rero aciyebugufi,aba ari munzira imuganisha mucubahiro.Igihe gikwiye kigeze,Imana iba izomushira hejuru.Nibaza ko umuntu wese akeneye icubahiro akwiye gusenga ngo Imana imuhe umutima uciye bugufi,kuko Imana ishira hejuru abaciye bugufi.

Igitangaje,hari abantu umenga ntibaciye bugufi,ariko waraba ugasanga Imana yarabahaye icubahiro.Ariko burya iyishira hejuru ninayo ishobora no gucisha bugufi.Imana ishobora gucisha bugufi n’abakomeye.
Yarabikoreye umwami Nebukadineza,
kubw’ubwibone amara imyaka indwi yarirukanywe mubantu,arisha ivyatsi.
Yarabikoreye kandi Herode,
kubw’amajambo yavuze arimwo ubwibone,vyatumye umumarayika amukubita aca apfa ako kanya.Umuntu wese w’ubwibone,aba ariko agana mugucishwabugufi atabizi.

Ntakintu ciza nko gucabugufi.Abantu baciyebugufi uzosanga babana neza n’abandi,bafise igikundiro,uzosanga bipfuriza ivyiza abandi,…kandi gucabugufi ni kimwe mubimenyetso bidahara vyerekana ko umuntu aba yarahuye na Yesu.Dukwiye gusenga,kugira ngo Imana iduhe kubaho dufise umutima uciyebugufi,hanyuma nayo ize idushire hejuru mugihe gikwiye.

Iyo uca bugufi ntaco uhomba uretse inyungu z’umutengera.