
Abandi bibutse ingene vyari bimeze kw’igenekerezo rya 30/04/31. Benshi bavuze ivyo babonye mu ntara iwabo.
Uyu yagize ati: “
TWIBUKE ABACU BAZIZE UBWOKO BATARI BARIHAYE KWIYI TARIKI YA MBERE RUSAMA UKU SIKO VYAHOZE!!!
NDIBUKA NEZA IVYO NABONYE N’AMASO YANJE IGENEKEREZO RYA 30/04/1972
Hari nkisaha y’umunani z’umutaga,aho nari mwibarabara rya Bujumbura-Bubanza,neza na neza ku kimanga co munsi y’ishure ECOFO Mitakataka.
Nabonye umurongo muremure w’abantu benshi uva kuri Ferme Randa ugashika aho bita ku Cuma ku musozi wa Gahóngóré baduganywe i Bubanza,ndibuka umwe muribo yitwa Vyimana yari umutware w’umutumba Kajeke,yicaye hasi, amwe mu majambo numvise yabwira umwana wiwe yitwa Ndikumugongo ati: « urasigarana urugo sinzi ko nzogaruka »
Ndibuka amazina amwamwe narinzi baduganywe uyo musi batagarutse:
1)Directeur wanje kuri E P Mitakataka yitwa MATATA Octave
2)Mwarimu wanje yanyigisha mu mwaka wa kabiri yitwa NTAHORWAMIYE Etienne
3)Pasteur wanje wa Eglise Methodiste Libre Mitakataka yitwa HAKIZIMANA
4)KIRUSHA
5)MPANGAJE
6)JAPHET (mwene BANIGWA Eliachim Admicom Mpanda)
7)VENISI (mwene Banigwa Eliachim)
8)SARATHIEL (mwene BANIGWA Eliachim
9)VUMBI (chef de secteur)
10)MPAWE (mwene BANIGWA Eliachim)
11)BAZIRA (comptable communal Mpanda)
12)BWANAKIYANA (Umudandaza i Gihanga)
13)MAKONYA (Umudandaza kwisoko ya Musenyi.
14)MUMIFA Manassé (umudandaza kwisoko ya Musenyi)
15)MUGENZA (Umurimyi wi Buvyuko)
16)HUSSEIN (umudandaza kwisoko ya Musenyi
17)NTAMAGARA (tractoriste muri SRDI)
18)YEREMIA (conseiller wa komine MPANDA
19)RODINA (umukozi wa reta)
20)BANDYATUYAGA ( yoba yari umushikiranganji)
21)KABURA André (ministre yari afitiye itongo impande yiwacu)
22)KOTSI (yoba yari umukozi mukuru wa reta)
23)KIBURENTE (yoba yari buramatari w’intara ya Bururi)
24)MISIGARO (umukozi w’imirima wa KOTSI)
25)NZAMU (umurimyi mu Kizina)
Abo nibo nibuka neza narinzi mw’isinzi ry’abaduganywe uwo musi bishwe urw’agashinyaguro mw’ibohero rya Bubanza,ikindi,abo 23 bose bava muri zone ya Mitakataka ya komine Mpanda yico gihe.
Nimba ubu abarundi babana neza mu mahoro n’umutekano,siko vyahoze.
Twibuke abacu bishwe nk’ibikoko ata caha bagirijwe n’ubutungane,bitubere icigwa kugira abana abuzukuru n’abuzukuruza bacu baze babane neza nabo badasangiye ubwoko bazi kahise ka zone yacu ya MITAKATAKA,aka Komine yacu ya Bubanza,ak’Intara yacu ya Bubanza n’akigihugu cacu.
Abarundi bo mu bwoko bwose ubu barabana neza,barasangira akazi,barasangira amashure,barakorana mu buzi butandukanye,barakorana imigambi y’iterambere haba mu makoperative,mu bunywero….
Twishimire ivyo vyamazwe n’urugamba rwo kwikingira no kugarukana demokarasi rwo mu 1993-2003, kuko siko vyahoze aho hambere.
Abana bacu,mubane neza na benewanyu mudasangiye ubwoko,intara,ibitsina musangire akabisi nagahiye kuko uko siko vyahoze aho hambere,ariko muze mwirinde kwibagira ivyatubayeko twebwe tubakurira kuko kwibagira bituma wijajara kandi bituma uyoberwa aho uhera mu kubana neza nabo mudasangiye ubwoko.
Mbifurije umusi mukuru mwiza w’abakozi buca uhimbazwa ata bwoko buriko buricwa ataco buzira,mwibuke abanyu mutihôra,mudashirisoni,mutabiba urwanko mu babanyi kubera mudahuje ubwoko,intara nibindi pmu bonse rimwe kuko Umusi Imana irema umuntu wa mbere ariwe dukomokako twese [Itanguriro 1:27-28] nta mugambi wo kumarana yari ifise.
Mu guheraheza musome mu gitabo co [gusubira mu vyagezwe 4:9]
Ariko kimwe gusa, mwiyubare, mugire umwete wo kwirinda mu mitima, mwoye kwibagira ivyo amaso yanyu yiboneye, vyoye kuva mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho; ariko muze mubimenyeshe abana banyu n’abuzukuru banyu. Muhezagirwe mwese”
I lost your phone number, can please share it? Yours Elie Niyongabo
Good morning.
J’aimeJ’aime