
Igitabu: « INZIRA INDWI ZO GUTABARA NO GUKIZA IGIHUGU C’UBURUNDI »
Ntawushobora guhisha umwotsi kandi inzu iriko irasha. Uwuvuga yuko atanzu iriko irasha uwo n’umwansi w’igihugu. Ukuzimya umuriro ni ingingo nyinshi ziguma zifatwa n’abategetsi b’igihugu kugira ngo bagerageze gutorera umuti ibibazo bigihanze mugabo biribonekeza yuko izo ngingo ahubgo ziguma ziwenyegeza. Umwotsi ni ikena ry’amafaranga y’agaciro naryo rigatuma hataboneka ibisumwa mvamakungu. Ivyo biserukira mungaruka zibishe zihagarika ibikorwa vy’ukubaho kw’abantu n’iterambere ry’igihugu. Abantu baca bagira ingorane mu kwiyunguruza, mu kwivuza, mu gufungura, mu ncamake ni ukwononekara kw’igihugu. Abafise agatima k’ukwikunda birenze ntavyo babona ariko igihugu kirakeneye gutunganywa bushasha atari mu nzira y’imigabo n’imigambi y’imigambge n’amaleta, mugabo hakurikijwe ubuhinga bg’urufatiro n’inkingi indwi twisunze ingene igihugu c’Uburundi giteye n’uko caremwe. Igihugu nticubakwa n’amajambo, cubakwa n’ibikorwa vy’ubgenge n’amaboko. Mur’iki gitabu turerekana ido n’ido uko kimwe cose cotunganywa kijambera.
- Inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi mu Burundi ni inkingi ihambaye. Hari inzira yo kuzubaka bijanye n’ubuhinga n’igihe Uburundi bugezemwo ku buryo Abarundi bose baziyumvamwo hadakurikijwe ibitigiri vy’ivyitwa amoko nk’uko biri uyu munsi, mugabo hakurikijwe umuhamagaro, ubuhinga, ubumenyi, ubushobozi, akaranga, urutonde… Igihugu ntigitera imbere izo nzego zitubatswe ku mategeko kuko nizo ziyakingira zikanakingira igihugu, abantu n’ivyabo.
- Indero mu gihugu c’Uburundi itegerezwa gutunganywa neza igatangurwa umwana atarabaho mukwitaho abavyeyi gushika avutse kuduga gushika kuri za kaminuza. Abiga bakigishwa ivyo igihugu gikeneye kandi ku buryo n’ubuhinga ntavugirwamwo. Indero niyo foroma y’Ihanga ry’Abarundi. Ntawushobora gushika ku mbonakazoza atabanje gutunganya indero y’urwaruka kuko nirwo Burundi bg’ejo. Indero ni inkingi ndende iramura abubatsi b’izindi nkingi.
- Umuryango niyo nkingi igihugu c’ubakirako kugira ngo kirengere kandi kirengane ibigisamaza bikakibuza kuja imbere mu mibano n’ubutunzi. Abarundi aho kwita ubutunzi ivyo bisamaza vy’imigambge, amadini, amoko, … bokwitaho urugo rwose; ivyo bisamaza bakabiha ishusho ndundi. Urugo n’umuryango bitegerezwa guhabga ikibanza gihambaye mw’itunganywa n’uburongozi bg’igihugu c’Uburundi kuko bitagenze uko igihugu coguma mu mayira abiri.
- Amagara y’abantu ni inkingi ituma igihugu gitera imbere kuko igihugu gitezwa imbere n’imitwe n’amaboko y’abantu bakomeye. Bisigura yuko amagara s’umubiri gusa mugabo urashirako n’amagara y’umutima canke umushaha hamwe n’amagara y’impwemu (Gusenga)ari nayo atanga inkomezi z’umubiri. Ivyo bituma atawokwirengagiza gushira urutonde mu gutunganya ivy’ukwidagadura, ubukorikori, ibidukikije, inkino, amaratiro, indirimbo, imvyino, amasengero… hejuru y’ibitaro, imiti, ibikoresho n’abahinga b’abaganga.
- ugutumatumanako ni ikintu gihambaye mur’ibi bihe. Guteza imbere umuravyo (internet) n’umuyagankuba bituma abantu bakora aho gutondera impapuro canke ibindi. Amabarabara, amazi, ikirere, amaposita, ukwiyunguruza n’ubuzima bg’igihugu kuko iyo bihagaraye igihugu kiba kiriko kirasambuka.
- Ubudandaji ni inkingi ikomeye y’igihugu kuko niho hari ivyerekeye ibigega vy’igihugu (Banques et Microfinances), ifaranga ry’agaciro, amahinguriro, ubuhinga, ubushakashashatsi, ubutare, tekinolojiya,… Aha ni naho hari imigenderanire n’ugufashanya n’ibindi bihugu, igihugu kigakorana n’amakungu kandi kikiteza imbere n’ubgaco.
- Itunganywa ry’intwaro ni inkingi y’igihugu n’izindi nkingi zishimikirako. Intwaro ituma igihugu gitera imbere canke gisambuka. Izo zindi nkingi z’igihugu zikora neza iyo inkingi y’intwaro yahagaritswe ku rutare. Amategeko n’ubutungane bigenga ibikorwa dusanga mu zindi nkingi, bitunganirizwa kandi vyubahirizwa bivuye ku ngene intwaro itunganijwe. Ibihugu vyose ubimenyera kungene vyubatse intwaro y’igihugu. Urashaka kumenya ingene iyi nkingi yoshingwa kugira ngo igihugu cogorore? Ico nico twerekana mw’ido n’ido mur’iki gitabu duciye ku rutonde Imana yashinze guhera kw’iremwa, tugatanga uturorero kandi tukanifashisha ukuri kw’igihugu cacu n’ubutunzi kama dusanganwe mu gihugu.
Inzira indwi rero n’amabanga ya vyabinyegezwa ndwi (mystères de la vie, mysteries of life) wishimikiza kugira ngo uhagarare kuri twa dusozi indwi two kuganza igihugu mu nzira yo gushikira vya vyiza indwi abantu bose bafise ubgenge no gutahura bashikako. Inzira indwi ni ubuhinga indwi ukoresha mu buzima bg’igihugu wishimikije amabgirizwa indwi yo kugira ubushobozi ku igihugu wifashishije uturangamutima indwi tw’ubuntu (les sept vertues, the seven virtues) dukoreshwa iminsi indwi mw’ijoro no kumurango.
Inzira indwi zo gutabara no gukiza igihugu n’ukumenya intambara indwi urwana zo mu mubiri, mu mushaha no mu mpwemu ziturutse ku vyaha indwi biterwa n’abadayimoni indwi wirukana uciye ku tambge indwi bigatuma abantu batabarwa n’ Imana y’Impwemu indwi mu kurungika abamalayika indwi baza gukorera abubaha Imana. Inzira indwi zo gutabara no gukiza Uburundi ni ubgenge n’ubuhinga indwi bgo gukoresha mu gihugu cacu kugira ngo mu myaka indwi ibibi vyashikiye igihugu cacu bibe bitagisubira kuko igihugu gica cinjira mw’iterambere cubakiwe kur’izo nkingi indwi.
Inzira indwi zo gutabara no gukiza igihugu cacu c’Uburundi n’impfunguzo indwi z’amabanga indwi yo kwugurura imiryango indwi yugariwe ihanga ry’Abarundi. Ko dufise izo mfunguzo indwi turashobora kwugurura. Vyose bikorwa n’abahizi, abahinga, abanyabgenge n’abakunda igihugu bose. Hariho ibanga abantu batokwirengagiza: ” Iyo umurongozi arimwo impwemu ihumanye, (Ukubesha, ukwiba, ukwikunda, amajambo y’ugusamaza abantu, gupfunga, ukuburabuza, ugukubagura, ukuroga, ubupfumu,…); iyo mpwemu yandukira abo arongoye n’igihugu kigahura n’ivyago n’akaga kuko kirahumana. Iyo hatabaye abahizi n’intwari ngo zimubohore (Délivrance, Exorcisme, Psychothérapie) vyanse zimubohoze, birenze aho zimubogoze; Uhoraho Imana (the Mother Nature, les conséquences de la mauvaise gestion) araza akanyukura igihugu n’abakirimwo gushika naho bicuza ico bavukiye. Iyo Mana yashangashiwe, irahava ikamwiyirukanira kandi ntibiba vyiza. Abantu bakwiriye kumenya urutonde n’akarimbi yashinze kugira barongore abandi bisunze inkingi indwi z’abariho.
Mu butunzi, Uburundi burafise ibintu bitangaje amahanga azi neza mugabo Abarundi ubgabo batigeze bamenyeshwa kandi babihagarayeko. Mu butaka bg’igihugu c’Uburundi harimwo ubutare amakungu abona akamiramitwa bgitwa Copper, Cobalt, Nickel, Feldespar, Phosphate rock, quartzite, cassiterite, Gold (Inzahabu), Iron, Carbonate, Platinoide, Rare Earths, Aggregates, Limestone, Niobium batazira Columbium, peat, tin, tungasten, iranium na Vanadium bidasanzwe hamwe n’ibumba (Clay) bakoramwo ibintu vy’akararuhore. Ivyo vyashikirijwe n’abahinga bagize urunani rw’ubushakashatsi bgakozwe n’abanyabgenge 16 karuhariwe mu gihugu cose (Igitabu casohotse mu 2015). Hariho n’ikarata y’Uburundi yerekana aho ubgo butare bgose buherereye n’ingene bungana ariko ubutegetsi bukabirabisha amaso gusa. Igihe cose bagomvye kubgimba haba hariho imihivu, insurisuri n’ingagari zibiboha kuko inkingi ziterambere zose zikora zikoranye. Ihwa ntirihandura irindi, arahandana gusa. Nico gituma aho gutera imbere mwumva abirigwa baragirizanya ubunebge, ubusuma, gutegana … aho kwerekana ibikorwa biboneka. Umurundi wese yokwisomera iki gitabu kuko kivuga inzira indwi cishimikije ibintu (inyigisho) mirongo indwi kandi kubera hageze guhaguruka no kwivyukiranya ababi (ba ntirumveko, ba nzojiyobiri, ba bihere ngende, ba nkumakume, ba kazimarijewe, ba biribaza, ….) n’ibibi vyose bizinze igihugu c’Uburundi kugira ngo tuje imbere.