Abatera ibisasu biturika mu gisagara ca Bujumbura bariko barafatwa.

Abatera ama grenades bafashwe: ntawasize ubuzima mu gitero caraye kibaye ku gituro c’amabisi, 38 nibo bakomeretse

Igipolisi c’Uburundi gihejeje kuremesha ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku gitero caraye kibaye ku gituro c’amabisi ca Bujumbura hamwe n’ubundi bubisha bugize imisi bwigaragaza mu gisagara

Igipolisi camenyesheje ko ku musi w’ejo habaye ibitero bibiri : kimwe ku gituro c’amabisi ikindi naco mu Ngagara.

Buhungu Venant, yagirizwa gutera grenade mu Ngagara akaba yaciye afatwa aho bamusanganye n’iyindi grenade yategura gutera.

Umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano Pierre Nkurikiye amenyesha ko amatohoza yerekanye ko abatera ivyo bisasu bategurwa bakongera bagahabwa ibikoresho na Reta y’Urwanda biciye mu mugwi Red Tabara.

Batandatu mu bagirizwa gutegura no gushira mu ngiro iterwa ry’ivyo bisasu bigize imisi bakaba bamaze gutabwa muri yompi mu gihe amatohoza yoyo akibandanya.

Umuvugizi w’igipolisi yamenyesheje ko mu bantu bakorana n’abo batera ivyo bisasu, harimwo uwitwa Pacifique Nininahazwe, nk’uko vyagaragaye mu butumwa bwasanzwe muri terefone y’uwateze ibisasu mu vyuma bigabura umuyagankuba « transformateur », muri zone #Ngagara. Muri ubwo butumwa, uwo yafashwe yamenyesha Pacifique Nininahazwe ko afashwe ngo azomuvugire!

Amakuru ya IrisNews