Abarundi turakwiriye kwikubita agashi, ukuri n’ikinyoma kimwe cose kikitwa izina ryaco

Ivyo ngaha iwacu mu Burundi ntitubibona kumwe canke ntitubitahura kumwe Hariho abantu iyo bahaze bibaza yuko Abandi bose bahaze, n’abandi ivyo biyumvira banyoye bibaza yuko ariko Abarundi twese twiyumvira! (Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, nta maguru yiwe ashikana hasi ngo amenye ingorane z’ukuri Abarundi bafise uretse kwagiriza uyu n’uriya! Abandi bakaba abo kumukomera amashi! Abarundi bararushe!)
Abo bose nta n’umwe afise ukuri nibo bakwiriye guhinduka. Kandi burya ingabo z’igihugu hamwe na twebge Abarundi twese tudahindutse ngo duhindure abo batabona yuko Abarundi bagowe, no guhindura ibintu vyose; Imana niyarinda kuza izokoresha inkoni y’icuma kuri bose. Bimwe Yesu Kristo yakora i Yerusalemu akabasanzaza bose. [YOHANA 2:15]