
IMBURI NâUBUHANUZI: AMASEZERANO ARASHITSE
Hariho uwambajije ati: âWewe uremera ivyâabavugishwa?â
Namwishuye yuko ntemera ivyo abavugishwa bifatâamajwi canke amasanamu bakayasanzaza ku mbuga ngurukana majambo bavuga ngo Imana yantumye ibi na biriya kwâIhanga ryâAbarundi.
Benshi basoma ivyandikwa nâibivugwa ku mbuga, bakavyiyumvirako, abandi bakavyirotesha maze bagaheza bakabisukiranya nâamarangamutima yabo bagaca babesha ngo nâImana ivuze.
Hariho nâabavugishwa bo mu gihugu kibanyi babishiramwo nâubushirasoni, bagasukiranya nâamazina yâabategetsi, amazina yâimigambge, amazina yâamashengero nâamoko yâabantu. Abo ntawukwiriye kubatega amatwi kuko nâibisamaza no kujijisha abantu kugira ngo babure ico bafata nâico bareka. Ni berekwe kandi bavugishwe ivyo mu gihugu iwabo kuko naho nyene birahari.
Ni muruko gukoresha ivyipfuzo vyabo nâamarangamutima mwumvise abambitse ibara igihugu câUburundi, abandi biyimitse babesha ngo ni Uhoraho yabatumye. Uwutumwe nâUhoraho ntiyivuga, avuga ico yatumwe gusa, ntaco yongerako.
A. Ndemera ubuhanuzi bgâabantu bavuga ivyo babariwe canke beretswe
mu mungane make bakirinda kwongerako insiguro zabo kuko nizo ziyovya abantu, ziba zuzuyemwo ibinyoma nâivyipfuzo vyabo.
B. Ndemera cane ubuvugishwa bgâIhanga ryâImana kuko bashikiriza ivyo
beretswe canke bavugishijwe na Mpwemu Yera bidahushana nâIjambo ryâImana kandi bitagira amarangamutima.
Uturorero:
- Bavugishijwe muri 2014 yuko mu gihugu hagira habe imigukumuko kandi yuko hazoba nâigeragezwa ryo gutembagaza butegetsi, mugabo yuko bitazoshoboka kuko igihe câImana kitaragera. Muri 2015, haciye haba imigumuko no guhirika ubutegetsi,ariko vyarangiye ubgo butegetsi budatembagajwe.
- Baravugishijwe bati: âIminsi yâumukuru wâigihugu Petero NKURUNZIZA yarangiye agiye gutaha, nta mwaka waheze leta idatangaje yuko yapfuye.
- â Bavugishijwe yuko mu Burundi hagira habe ubukene bgâamafaranga mvamakungu, bitamaze na kabiri, leta yaciye yidoga yuko hari ubukene bgâama devises.
- â Bavugishijwe bati: âMu gihugu, ifaranga rigiye guta agaciro, ibidandazwa bizimbe.â Nta ndwi zibiri zaheze, umukuru wâigihugu yaciye avuga ngo amarundi agira ayahindure impapuro kubera abanyegeje amafaranga. Yaciye ahindura inoti. Ivyakurikiye murabibona.
- â Bavugishijwe yuko igitoro kizobura mu gihugu câUburundi honyene, ukwiyunguruza kube ingorane. Nta mezi abiri yahaciye, mwarabibonye kandi nâuyu munsi biracabandanya.
- Bavugishijwe ivyâintambara yo muri Congo nâingene ingabo zâUburundi zizojayo kurwana. Ivyo ntivyatevye nâubu niyo ziri.
- â Bavugishijwe yuko Abarundi bazoja mu mahanga gucâingero kandi yuko bazofatwa nabi, mbere bamwe bakarwayo. Ivyo vyarabaye mu bihugu bitari bimwe vya Afrika, Abarundi barasanzaye baja kurondera amasumiro kandi benshi ntiborohewe.
Uwambajije ibindi bavugishijwe turindiriye mu gihe ca vuba murindire ndabibazanire kandi ni vyinshi ingene amasezerano Uhoraho Imana yahahe igihugu câUburundi agirâashike, Uburundi bucike igihugu gitemba amata nâubuki, amahoro nâamahonda, amasho nâimirima.