Amasezerano aradushwayemwo vuba.

IMBURI N’UBUHANUZI: AMASEZERANO ARASHITSE

Hariho uwambajije ati: “Wewe uremera ivy’abavugishwa?”
Namwishuye yuko ntemera ivyo abavugishwa bifat’amajwi canke amasanamu bakayasanzaza ku mbuga ngurukana majambo bavuga ngo Imana yantumye ibi na biriya kw’Ihanga ry’Abarundi.
Benshi basoma ivyandikwa n’ibivugwa ku mbuga, bakavyiyumvirako, abandi bakavyirotesha maze bagaheza bakabisukiranya n’amarangamutima yabo bagaca babesha ngo n’Imana ivuze.
Hariho n’abavugishwa bo mu gihugu kibanyi babishiramwo n’ubushirasoni, bagasukiranya n’amazina y’abategetsi, amazina y’imigambge, amazina y‘amashengero n’amoko y’abantu. Abo ntawukwiriye kubatega amatwi kuko n’ibisamaza no kujijisha abantu kugira ngo babure ico bafata n’ico bareka. Ni berekwe kandi bavugishwe ivyo mu gihugu iwabo kuko naho nyene birahari.
Ni muruko gukoresha ivyipfuzo vyabo n’amarangamutima mwumvise abambitse ibara igihugu c’Uburundi, abandi biyimitse babesha ngo ni Uhoraho yabatumye. Uwutumwe n’Uhoraho ntiyivuga, avuga ico yatumwe gusa, ntaco yongerako.
A. Ndemera ubuhanuzi bg’abantu bavuga ivyo babariwe canke beretswe
mu mungane make bakirinda kwongerako insiguro zabo kuko nizo ziyovya abantu, ziba zuzuyemwo ibinyoma n’ivyipfuzo vyabo.
B. Ndemera cane ubuvugishwa bg’Ihanga ry’Imana kuko bashikiriza ivyo
beretswe canke bavugishijwe na Mpwemu Yera bidahushana n’Ijambo ry’Imana kandi bitagira amarangamutima.
Uturorero:

  1. Bavugishijwe muri 2014 yuko mu gihugu hagira habe imigukumuko kandi yuko hazoba n’igeragezwa ryo gutembagaza butegetsi, mugabo yuko bitazoshoboka kuko igihe c’Imana kitaragera. Muri 2015, haciye haba imigumuko no guhirika ubutegetsi,ariko vyarangiye ubgo butegetsi budatembagajwe.
  2. Baravugishijwe bati: “Iminsi y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yarangiye agiye gutaha, nta mwaka waheze leta idatangaje yuko yapfuye.
  3. ⁠Bavugishijwe yuko mu Burundi hagira habe ubukene bg’amafaranga mvamakungu, bitamaze na kabiri, leta yaciye yidoga yuko hari ubukene bg’ama devises.
  4. ⁠Bavugishijwe bati: “Mu gihugu, ifaranga rigiye guta agaciro, ibidandazwa bizimbe.” Nta ndwi zibiri zaheze, umukuru w’igihugu yaciye avuga ngo amarundi agira ayahindure impapuro kubera abanyegeje amafaranga. Yaciye ahindura inoti. Ivyakurikiye murabibona.
  5. ⁠Bavugishijwe yuko igitoro kizobura mu gihugu c’Uburundi honyene, ukwiyunguruza kube ingorane. Nta mezi abiri yahaciye, mwarabibonye kandi n’uyu munsi biracabandanya.
  6. Bavugishijwe ivy’intambara yo muri Congo n’ingene ingabo z’Uburundi zizojayo kurwana. Ivyo ntivyatevye n’ubu niyo ziri.
  7. ⁠Bavugishijwe yuko Abarundi bazoja mu mahanga guc’ingero kandi yuko bazofatwa nabi, mbere bamwe bakarwayo. Ivyo vyarabaye mu bihugu bitari bimwe vya Afrika, Abarundi barasanzaye baja kurondera amasumiro kandi benshi ntiborohewe.
    Uwambajije ibindi bavugishijwe turindiriye mu gihe ca vuba murindire ndabibazanire kandi ni vyinshi ingene amasezerano Uhoraho Imana yahahe igihugu c’Uburundi agir’ashike, Uburundi bucike igihugu gitemba amata n’ubuki, amahoro n’amahonda, amasho n’imirima.