
🚨‼️💥🇧🇮IMBURI N’UBUHANUZI KU BARUNDI: Mpwemu w’Imana ati semerera «Muhawe iminsi 30 yo kwihana n’ukwezwa. Abo bantu bose bitazira ngo ni Ihanga ry’Imana bategerezwa gufata iyambere, abandi Barundi babarabireko. Abatagiye gufata iyo ngendo y’Ihanga ry’Imana, Umumalayika w’Uhoraho, Murimbuzi agira ace mu gihugu, mutihanye azobajaniranya n’abanyakibi. Bugira bgire kandi uwumvira azorokoka. »
Ukwihana vy’ukuri ukezwa ni uguhinduka imbere mu mutima, ni uguhinduka mu bgenge no muri kamere ugakora ibigororotse n’imvugo igahinduka. Ivyo biba iyo wabanje kwicuza ibibi ukora, ingendo mbi kandi ukatuza akanwa kawe yuko wabikoze kandi utazobisubira. Uratahura yuko ukwihana ari uguhinduka mu mutima no mu bgenge maze ugahindura ingendo kuko wababajwe ukanicuza ibibi wagendeyemwo. Ntihagire uwuzovuga yuko atamenye kwihana icarico💥🇧🇮✍🏾