INTAHE N’ANASHIMWE KUBWO IBITANGAZA IMANA IKORA.

Hanga ry’Imana namwe mwese musoma inkuru z’urugendo rw’Ihanga ry’Imana. Ibipfamatwi canke impumyi zirashobora kumenya yuko Uhoraho Imana yirongoreye Ihanga yirobanuriye kubwo ibitangaza agenda arakorera abari mu rugendo rugana Siyoni, igihugu c’isezerano. Kubwo amasengesho yo kwisonzesha Ihanga Ryera ry’Imana rimazemo indwi ritanywa kandi ritarya, ibitangaza vyinshi vyarakoretse, indwara zarakize, amasezerano arashitswa, abantu benshi barahindukirira ukuri kandi […]