Umuco mwiza: Raba uburyo indwi bwo kuryosha ikiyago

Umwanditsi w’umwongereza Michael Rosen amaze igihe yiga ingene imigenderanire y’abantu yotera imbere n’ikiyago kikaba ciza.  Gutegura neza amajambo yawe nico kintu ca mbere muri vyose: haba muvyo gutora umuti w’ibibazo mu nama, canke gutorera umuti imishamirano, haba ku rugero rw’isi canke mu muryango. Rosen, ari kumwe na Eddy Canfor-Dumas hamwe na Peter Osborn – abanditsi […]