Umuco mwiza: Raba uburyo indwi bwo kuryosha ikiyago

Umwanditsi w’umwongereza Michael Rosen amaze igihe yiga ingene imigenderanire y’abantu yotera imbere n’ikiyago kikaba ciza. 

Gutegura neza amajambo yawe nico kintu ca mbere muri vyose: haba muvyo gutora umuti w’ibibazo mu nama, canke gutorera umuti imishamirano, haba ku rugero rw’isi canke mu muryango.

Rosen, ari kumwe na Eddy Canfor-Dumas hamwe na Peter Osborn – abanditsi b’igitabo bise The Talking Revolution – barashoboye gutora uburyo indwi bwo kuryosha ikiyago.

1. Rondera gutahura imbere y’ukurondera gutahurwa

Abenshi muri twebwe bama bariko barondera « gutanga ivyiyumviro », bikabagora « kwakira ivyiyumviro » – ivyo nivyo soko ry’ingorane mu migenderanire haba mu kibano canke ku kazi. 

Mu gitabo ciwe yise The 7 Habits of Highly Effective People (Inyifato indwi z’abantu baranguye ibintu bikomeye), Stephen Covey avuga ati twategerezwa « kurondera gutahura imbere y’uko turondera gutahurwa ». Imbere ya vyose, banza wumvirize. 

Ni nkenerwa kubanza kwumva ivyiyumviro vy’abandi n’ukugerageza gutahura ivyo bavuga imbere y’uko utangura gushikiriza ivyiyumviro vyawe canke kubahaririza.

2. Erekana ko utahura

Umaze gutahura ivyiyumviro vya mugenzawe, mwereke ko ubitahura mu kumwereka ivyo wumvise. 

Inyishu nziza ni « nivyo » canke « ntavyo nari kwishoboza jenyene » – izo zerekana ko muri ku rugero rumwe.

Mu gihe umuntu azi ko yatahuwe, niho ushobora gutangura gushikiriza aho uhagaze canke kumuhaririza kuvyo yavuze canke yibaza – hakubigira imbere yaho.

Mu kwubahiriza mugenzawe mu vyo ashaka – kwumvirizwa, gusonerwa, gutahurwa – utumye haba imigenderanire myiza ituma haba ikiyago ngirakamaro. 

3. Mufashanye kugira mutore inyishu ngirakamaro 

Eddy na Peter bakoresha amajambo « ikiyago ngirakamaro » kuko iyi ari yo nzira y’ugutuma haba ivyiyumviro bishasha n’ugutahura gushasha.

Kwumviriza neza ivyo uwundi muntu ariko arashikiriza, hanyuma ukagerageza gushikiriza ingene watahuye, birashobora gutanga umuco bigatuma mwese mutahura ko atanumwe yari gushika aho wenyene.

Kwerekana kandi ingene watahuye biratuma mugezawe akwugurukira, akakuyagira n’ibindi, kandi akiyumva ko atekanye, bigatuma umwe umwe yiga ivyiyumviro vyiwe.

Hagati yanyu murashobora gutanguza ikintu kitari kihasanzwe gishobora kubafasha mubandanya neza.

4. Guheba akamenyero

Twese turafise ibintu kama tumenyereye gukoresha mu kiyago, ariko rimwe na rimwe usanga tutabizi.

Aho ni nko kwigira nk’uwutariko arumva ivyo uwundi ariko ashikiriza canke kwihariza ijambo. 

Gerageza wige neza ivyo bintu kandi umeye n’igihe bishika.

Harageze ko ako kamenyero gahinduka ahubwo tukitaho kwumviriza n’ugutahura. 

5. Ntiwumvirize kugira ubashe gutyoza

Hariho abantu bazokwumviriza kugira ngo bavuge nabi, bakarondera utujambo bafatirako kugira ngo batyoze.

Ivyo nivyo twama tubona mu banyepolitike, aho abantu bipanga mu turwi turwi bakagerageza kuvugira muri two. 

Ntiwumvirize kugira ngo wegeranye amajambo uzokoresha nk’ikirwanisho – umviriza kugira ngo utahure neza urundi ruhande.

6. Kwimenyereza bituma ukora neza kurusha

Eddy na Peter bagize imyimenyerezo bakoresheje imirwi : bashize abantu babiri hamwe (boba barigeze guhura), babasaba kurondera ikintu batumvikanako. 

Babasavye ko umwe muri bo akina nk’uwutahura, uwundi nawe asigure ingene yiyumva. 

Ivyo birashobora gushafa abo bantu kubona iciza gisumbirije co kwumviriza uwundi – n’ingene ari ikintu kidakunze kuboneka.

Gerageza gusubiramwo uwo mwimenyerezo n’umugenzi kugira ngo ushobore kubafasha mu gihe muzoba muri mu bihe vy’imishamirano canke kutumvikana. 

7. Tora uburyo bwo kuyaga

Kuyaga amaso mu yandi nibwo buryo nyabwo. Uko ugenda ubwigira kure, niko inzira y’ikiyago igenda yaga. 

Nk’akarorero kuri telefone, muyaga mutabonana – ijwi ryawe niryo ritegerezwa gukora vyose.

Ukoresheje kwandika naho, nta n’ijwi ukoresha, ni amajambo yanditse gusa.

Mu gihe naho ukoresha Twitter n’izindi mbuga hwaniro ukanyegeza izina ryawe, iyo nzira ni na ntoya cane – mu gukoresha amazina atari yo ibiyago birashobora kuvamwo ibitutsi n’ugutyozanya.

Ni vyiza gutahura uruhara inzira yose ifise mu gufasha canke mu kuzibira ikiyago.

Mu gihe ubishoboye, ni vyiza guhitamwo kuyaga amaso mu yandi igihe cose n’aho hose bishoboka.

Publicités