Abana b’abakobwa batatu baregwa gutyoza Prezida Nkurunziza bararekuwe

Abakobwa batatu b’imiyabaga baregwa gusibanganya ifoto ya Prezida w’u Burundi, Pierre Nkurunziza, barekuwe bakazokurikiranwa bari hanze.

Umushingwamaza wabo niwe yamenyesheje ko abo bakobwa batatu barekuwe, bazobandanya kurabana bataha

Abo bakobwa batatu bafatanywe hamwe na bagenzi babo batatu, bo baza kurekurwa mu nyuma ata caha na kimwe bagirijwe.

Ipfungwa ry’abo bana batatu ryariyamirije na bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu, bakoresheje imbuga hwaniro.

Ku rubuga hwaniro Twitter bashizeko amasanamu ya Prezida Nkurunziza bahindaguye ku buryo bugayitse canke butwengeje, bagashirako n’akarandankuru (hashtag) kagira gati #FreeOurGirls, canke « rekura abakobwa bacu » mu kirundi.

Mu 2016 hari abandi banyeshure nabo benye bapfunzwe bagiriwe n’icaha nk’ico, ariko mu nyuma benshi muri bo baje kurekurwa.

Publicités