Umutumiro w’amasengesho yo kwisonzesha yo kuwa kabiri no kuwa Kane w’indwi y’umugwi dusabe Mpwemu

Bakunzi b’umusaraba mwese aho muri hose. Turabaramukije amahoro ya Yesu Kristo, Shalom!

Twama dufise amasengesho kabiri mu ndwi, kuwa kabiri no kuwa Kane, aho twirirwa imbere y’Imana twisonzesheje tukaririmba, tukumva Ijambo ry’Imana tukongera tugasenga.

Amasengesho ni ikirwanisho gihambaye c’umukristo.

*URUFATIRO*

– Gusenga kwimura imisozi ihagaze imbere yacu, *(1Abikorinto 13:2, Matayo 17:20, Yesaya 2:2; 52:7)*

– Gusenga kuzana Amahoro nyakuri *( Abifilipi 4:7, Abikolosayi 3:15, Abaheburayo 12:14, 1Petero 5:7)*

-Gusenga kwishura imitwaro yacu yose *( Zaburi 55:22, Yesaya 58:6, Matayo 11:2-, 1Petero 5:6)*

Mukubaho kwawe urafise ibintu vyinshi vyotuma uja imbere y’Imana nkamagara yawe n’ayo umuryango wawe, uburinzi, aho kuba, kubu na kazoza, imanza, amashure, akazi, n’ibindi. Iyo niyo mitwaro dusengera.

*IMITWARO*

1. Umukwisto wese yitanga kugira ngo yuzuzwe Mpwemu Yera kugira ngo abe ariwe amurongora kuko Bibiliya iratubwira neza yuko abarongogwa na Mpwemu Yera aribo bana b’Imana Ihoraho, *( Abaroma 8:14)*

-UmuKristo wese aza imbere y’Imana kugira ngo agire ukwizera guhagije kuko atawohimbara Imana adafise ukwizera, *( Abaheburayo 11:6)*

-Dusengera imitwaro itandukanye y’Abarundi nk’indwara , ubukene, abashonje, abatagira aho baba, abaremerewe n’ibibazo, abapfunzwe, impunzi, impfuvyi, abapfakazi, impunzi n’ibindi kuko Bibiliya idusabagusengeranira *(Abayefeso 6:18)*

Dusenga Imana yumva, Imana ivuga kandi yishura. Dusenga Imana ikora ibitanga, ikiza abagwaye kandi itabata abayambaza bose.

Urajawe kaze rero kandi aya masengesho uzohore uyatumirira umuryango wawe n’abagenzi bawe.

Umwami Yesu Kristo adukomeze twese kandi aduhe kuba imbere y’Imana Nzima.

Muhezagigwe mwese!

Publicités