Imitima yacu yiteze Uhoraho; niwe mutabazi wacu n’inkinzo yacu.

ZABURI 33:20-21 Imitima yacu yiteze Uhoraho; niwe mutabazi wacu n’inkinzo yacu. Imitima yacu izomunezerererwa, Kuko twishimiye izina ryiwe ryera. Uhoraho, imbabazi zawe zitubeko, Nk’ uko tukwiteze. Alleluya. DUSENGE : Turagushimiye Mana Mushobora vyose Ugize neza Dawe Mwiza kuba turi bazima ntaco twatanze ariko imbabazi zawe zatubonetseho n’Ushimwe Mana tukweretse uyu musi Dawe Mwiza ni Wewe twiteze ni Wewe Mutabazi wacu ni Wewe Nkinzo yacu ni Wewe duhanze amaso ni Wewe dutarikiye ibiganza imbabazi zawe zishishikare kutubonekaho ibikwiriye n’ibibereye ubiduhere ubuntu mw’Izina rya Yesu Kristo Amen.

Publicités