Mu minsi itatu witegurire kumenya yuko uriko uburinzi canke atabgo ufise.

Abantu benshi barazimirira mu nzira y’Imana abandi bakayititura bigatuma habaho abantu ivy’Imana batabinegwa, abandi bakabikora nk’umugenzo gusa ntibagire imigenderanire n’Imana ngo bagendane nayo. Ivyo vyatumye mw’isi abanyavyaha n’abagarariji aribo baba benshi, abari muvy’Imana nabo bakabikora nk’urudandazwa canke ivyo baronderamwo intungu za politike. Ariko inzira y’Imana iratandukanye n’ivyo vyose. Iyo Imana ivuze, ijambo ryayo riza rihambaye […]