Ni dukunde kandi dusengere Uburundi bg’Isezerano dutunganye.
UGUKUNDA UBURUNDI BG’ISEZERANO NO KUBUSENGERA NI IGIKORWA C’ABEJEJWE. Abantu benshi biyumvira ngo kuvuga canke ukwizera Uburundi bg’Isezerano ni ukwifatatanya n’ivya politike canke ivyo kurwanya ubutegetsi bg’igihugu. Haba namba, abo ni abantu bihenda canke bahendwa n’uturwiturwi twagomvye kwiyitirira canke gufatira kw’Ijambo Uhoraho Imana yavuze ku gihugu c’Uburundi kugira ngo ducuvye canke dutirure umugambi w’Imana wo kugirira […]