Burya turakeneye Uhoraho Imana gusumba ibindi vyose kugira ngo ibanze iduhindure.

IHANGA RYACU RY’ABARUNDI RIKENEYE UHORAHO IMANA KUGIRA NGO RIKIRE. Hari benshi uvuze yuko dukeneye Imana bakwishura yuko Imana tuyifise ahubgo tubuze amafaranga. Aho baba biyumvira buhoro. Kugira Uhoraho Imana mu gihugu ni uguhinduka mu mitima yacu no mu ngeso bigatuma dukunda abandi, dufashanya, duteza imbere igihugu cane tukanakiraga kazoza keza.Tuvuze Imana ca uja mu madini […]