

« Burundi: « `Umwigeme w’umutwakazi ari mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2023.
Ku ncuro ya mbere umwigeme w’umutwakazi Ricky Tricia Uwera yamaze kugaragarako yamaze kwiyandikisha mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2023. »
Ayo mungane yanditse aho haruguru ni ayakuwe mu kinyamajuru kivuga ivyerekeye amahiganwa y’ubgiza, tukibaza igituma mu Burundi bgacu bgizaabantu baguma barabirwa mu bgoko bgabo.
Haba mu kwinziza abasirikare n’aba polisi, haba mu gutanga akazi mu bibanza vya leta, babikora bakurikije ibitigiri vy’amoko nk’uko umurundi wese atari umurundi ahubgo.
Hariho ababinezerererwa kubera imvo nyinshi mugabo umwana w’igihugu c’Uburundi yarakwiriye kuvuka yitwa umurundi kandi bose bakitabgaho kimwe batabaciyemwo imitigiri.
Uhoraho Imana ntakunda abicamwo imice 1 Abikorinto 1:10