

Hariho ibintu twishimira kubera ubukene buba busanzwe butwugarije kubera aritwe twabgiteye mugabo Imana yo mw’ijuru yoyo ikabigaya. « Kwigisha abana b’ Uburundi icarabo, kubigisha kwambara nk’abarabo, kubatekera no kubagirira isuku maze ukarungika abo Barundi mu bihugu vyabo, bisa neza na neza no kwiyambura akaranga ukijana mu bunyagano. » Ivyo bishikirizwa na Dr Levi Rukundo
Abarundi bamaze imyaka irenga 12 barwana kandi umugambge uri ku butegetsi uyu munsi wahatakarije abarwanyi bashika ibihumbi 36. None barwanira yuko bashitse bazoca barungika bashiki babo kuja gukinjikira mu bihugu vy’abarabo! Barwanira ngo umuryango wose utunge inkwavu 5 ko ariwo mugambi bagezeko inyuma y’imyaka 18 bari ku butegetsi!
Murazi neza ingene abaja gukora mu bihugu vy’abarabu bakubagurwa iyo bagezeyo. Kanatsinda abarabo nibo bantu bambere batanguye kugurisha abirabure ku bazungu igihe barondera abacakara (esclavages) mu 1750. Uyu munsi igihugu nico kibitwarira muri ivyo bihugu kikanasaba yuko imishahara yabo ica mu mufuko waco!
Naho urwo rudandazwa ayo maleta ariko arakora rwogenda neza ubu, mu myaka iri imbere igihugu c’Uburundi kizohahinzikarira kubera imico n’imigenzo abo barungikwayo bazohakura n’ibindi bintu bashobora kuhigishirizwa kubera amatwara y’idini n’izindi nyigisho. Abategetsi b’igihugu barakwiriye kumenya ikizira n’ikitazira kw’Ihanga ry’Abarundi.
Abandi baja mu bihugu vy’abarabu gusinyira imigambi y’iterambere nko kuronka igitoro kizimbutse, kwiteza imbere mu vyerekeye ukwiyunguruza mu kirere, mu mazi no kwubaka amabarabara, natwe Abarundi tuja gusinya imigambi yo kuja kuba abasuku babo. Turakwiriye kwikebuka. Dusengere igihugu cacu.