Iminsi 21 yo gusengera igihugu c’Uburundi kuva kuwa 1 gushika kuwa 21/04/2023

Ihanga Ryera ry’Imana riri mu masengesho yo kuva kw’igenekerezo rya 1 uku kwezi kwa kane, gushika kw’igenekerezo rya 21 z’uku kwezi, uyu mwaka nyene. Aya masengesho nayo gusengera igihugu c’Uburundi kigira ngo Imana igishitsemwo amasezerano yagisezeraniye.

Umuntu wese arahawe kaze kuduga kur’uyu musozi w’amasengesho. Igisabga n’uko uba warihanye neza ukezwa neza kugira ngo wihererane n’Imana mu kuri no mu kugororoka.